Sinema ku Rwanda Inyuma y'Imyaka 12 Ihonyabwoko Ribaye

Film yitwa, "Rwanda Rising" yarerekanywe ubwa mbere mw'isabukuru ya cinema mu karere ka Afrika yabereye mu gisagara ca Los Angeles:

Iyo film, "Rwanda Rising" irihweza igihugu c'Urwanda imyaka cumi n'ibiri
inyuma y'ihonyabwoko ryahabereye mu mwaka wi1994. Iyo film yatunganijwe
na Ambassaderi Andrew Young yahoze aserukira leta Zunze Ubumwe za Amerika
mw'ishirahamwe O-N-U, yerekanywe ubwa mbere mu gisagara ca Los Angeles.

Ishamirana rifatiye ku bwoko mu Rwanda ryatumye haba ihonyabwoko ryo mu
mwaka wi 1994. Mu mwaka wi 2004, Andrew Young yarifatanije n'abanyarwanda
mu kwibuka imyaka cumi yari irangiye ihonyabwoko ribaye. Agarutse muri
leta Zunze Ubumwe za Amerika, yarabonye ama films menshi ku bwicanyi bwabaye mu Rwanda mu mwaka wi 1994, yamara avugako ayo ma films yerekana uruhande rumwe gusa rw'ivyerekeye Urwanda. Avuga ko yatemberereye Urwanda ari kumwe n'umugwi w'abagira ama films, kugirango bumvirize abanyarwanda
bashikiriza ivyiyumviro vyabo, kandi berakane intambwe abanyarwanda bamaze gushikako ku vyerekeye utwigoro twabo two kubandanya ubuzima bwabo inyuma y'amabi yabashikiye haraheze imyaka cumi n'ibiri.

Iyo documentaire, "Rwanda Rising" irerekana utwigoro two gusubira kwubaka Urwanda. Muri iyo documentaire, yatunganijwe na Andrew Young, harimwo ibiganiro na presida w'Urwanda, Paul Kagame na Paul Wolfowitz
ayoboye ikigega mpuzamakungu FMI. Abandi baseruka muri iyo film ni Bill Clinton yahoze ari presida wa Amerika, na Quincy Jones akomeye cane mu vyerekeye gutunganya umuziki muri Amerika.

Ibindi bisobanuro haruguru