Ishirahamwe PAM Risaba Imiriyoni 12 z'Amadorari ngo Rifashe mu Burundi.

Abarundi bakeneye gufashishwa ibifungurwa mu Burundi baharurwa mu miriyoni zibiri muri bino bihe nk'uko PAM ribitanganza.

Amafaranga akenewe nayo ngo agana n'imiriyoni cumi na zibiri z'amadorari y'Abanyamerika. Ayo mafaranga ntayahari. PAM itera akamo amakungu ngw'atange iyo mfashanyo. Hamwe atabonetse abantu ngo bagiye kubandanya bicwa n'inzara mu Burundi.

Mu ntara nyinshi ibitigiri bihagaritse umutima vy'abantu bicwa n'inzara biramaze gutangwa.Abanyeshure, cane cane abo mu mashure matomato, baramaze guheba amashure. IKarusi habarurwa ibihumbi bitandatu, mu Cibitoki ibihumbi birenga bitatu.

Mu kwezi kwa gatatu abafasha Uburundi bagiye gusubira guhurira i Bujumbura kugira barabire hamwe uburyo imfashanyo bemeye zotangwa bongere bihweze ibikenewe.

Abafasha Uburundi bari basavye ko reta y'i Burundi boshiraho abategetsi bashira imbere agateka ka zina muntu, intwaro ibereye n'ubutungane nyakuri.