Perezida w'Uburundi Yagenye Icegera ca Kabiri

Ku musi wa mbere, igenekerezo rya 12 Ruhuhuma ni ho Gabriel Ntisezerana yahora atwara ibanki nkuru ya repuburika yarahira mu kibanza c'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu.

Gabriel Ntisezerana asuburiye Marina Barampama yakuwe mu mabanga yagirizwa ukutubaha n’“ubujuju".

Ico kibanza c'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu cari kimaze imisi ciharijwe n'abakenyezi kuva umugambwe CNDD FDD uja ku butegetsi. Uwa mbere yabaye Alice Nzomukunda yahavuye atanga imihoho.

Marina Barampama, Alice Nzomukunda na Gabriel Ntisezerana bose bava mu mugambwe CNDD FDD. Gabriel Ntisezerana azwi cane ko yafashije kuva kera mu gutanga uburyo, umugambwe CNDD FDD ugitangura intambara.

Perezida w'Uburundi aherutse kandi gukombora mu mabanga umuvugizi wiwe, Hafsa Mossi. Inkuru ziva hirya no hino zivuga kw'ashobora no guhindura reta mu misi iri imbere.