Umushikiranganji Ajejwe Imigambi n'Iterambere mu Burundi Yabogojwe Yagirizwa Gukora Nabi.

Umushikiranganji Dieudonne Ngowembona wo mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, yafuswe mu mabanga yiwe yagirizwa ibintu bisa n'ubusuma igihe yari umushikiranganji w'ikigega ca reta.

Itegeko ry'umukuru w'igihugu rimukura mu kazi ryasohotse kur'uyu wa mbere, igenekerezo rya 15 Nzero 2007, rivuga ka yakoze amakosa akomeye cane mu guhenda Inama nshikiranganji ngo yemeze igurishwa rya ya ndege yahoze irerura umukuru w'igihugu, Falcon50S/N66. Uwo mushikiranganji ngo yatanze inkuru atarizo, abashikiranganji baca bamuha uburenganzira bwo kuyigurisha.

Igurishwa ry'iyo ndege ryarateye ingorane nyinshi kubera ko umushikiranganji Dieudonne Ngowembona yaciye ayidandaza gihutihuti nk'ikidandazwa ciwe, agaheza akayiha umuntu yatanze Amadorari imiriyoni zitatu, hariho uwatanze imiriyoni zitanu.

Kuva ico gihe, ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n'ugusesagura amatungo ya reta ryaciye ritanguza amatohozwa, rica risohora raporo yerekana ko habayemwo ubusuma n'ibiturire mukudakurikiza amategeko agenga amasoko.

Mu nyuma umukuru w'ishirahamwo ryishinze kurwanya ibiturire, Gabriel Rufyiri, yarapfunzwe, kandi benshi bavuga ko mu bimupfunze harimwo kudoma urutoke abanyonora amatungo ya reta.

Ibanki y'isi yose na yo nyene yaranebaguye iryo gurishwa, ica mbere isaba ko hoba itohozwa. Mu kurindira yavuze kw'ata mafaranga azosubira guhabwa Uburundi. Raporo y'ibanki y'isi yose mu misi iri imbere igiye kumenyekana.

Ingingo y'umukuru w'igihugu yashizeho umugwi ujejwe gutomora neza ivyakozwe, ni ukuvuga ibihano bikwiriye gutangwa n'icokorwa kugira ivyo bintu ntibisubire gushika.

Umushikiranganji yabogojwe amategeko akurikijwe azokwirikiranwa n'ubutungane na rirya umukuru w'igihugu aherutse gushinga umugwi ukurikirana abasesagura n'abanyonora amatungo ya reta.