Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Yarekuye Abanyororo Benshi

Perezida Petero Nkurunziza yafashe ingingo zikomeye ku vyerekeye abanyororo.

Abari baciriwe urubanza rwo gupfa bagiye gupfungwa imyaka cumi n'itanu, abari baciriwe gupfungwa ubuzima bwose bagiye gupfungwa imyaka cumi.

Abanyororo bari bafise ibihano biri musi y'imyaka cumi bagiye gupfungururwa co kimwe n'abana bapfunzwe batarakwiza imyaka cumi n'itanu, abasaza bafise imyaka
irenga mirongo itandatu n'abagwaye indwara zikomeye babifitiye impapuro.

Izo ngingo ntizerekeye abantu bafashe abigeme n'abaenyezi ku nguvu, abibishije ibigwanisho n'abanyonoye amatungo ya reta. Abakoze ivyo vyaha ariko baciriwe urubanza rwo gupfa bagiye gupfungwa ubuzima bwose, abaciriwe gupfungwa ubuzima bwose bagiye ku myaka mirongo ibiri.

Izo ngingo zerekeye abamaze guciribwa urubanza gusa.

Abajejwe ivy'agateka ka zinamuntu barabishima co kimwe n'abandi Barundi benshi, ariko abari mw'ishirahamwe ryishinze kurwanya ihonyabwoko AC-Genocide bararinebagura, bavuga ko hariho abiciye abantu bazorekurwa ivyo na vyo bikazobabaza ababuze.

Tubamenyeshe ko Perezida Petero Nkurunziza yigeze guciribwa urubanza rwo gupfa mu mwaka w'i1995.

Ibindi bisobanuro kuri iyi nkuru haruguru.