Umwuga w’Ubumenyeshamakuru muri Afrika yo Hagati Ntiwifashe Neza.

Raporo yerekana amategeko n'umwuga wo kumenyesha amakuru muri Afrika yo Hagati yerekana k'ubwigenge bw'abamenyeshamakuru butubahirizwa uko bikwiye.

Ako karere kagizwe n'ibihugu vy'Uburundi, Urwanda Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo, Cameroun, Congo Brazza, Guinee Equatoriale, Gabon, Repuburika Centrafricaine na Tchad.

Igihugu ca Repiburika Iharanira Demokarasi ya Congo kiza imbere mu guhonyanga ubwigenge bw'abamenyeshamakuru, kigakurikirwa n'Uburundi n'Urwanda.

Raporo irashima ariko kubona nko mu bihungu nka Gabon na Repuburika Centrafrcaine vyaramaze gufuta ibihano bijanye n'umwuga wo kumenyesha amakuru. Iyo raporo isaba ibindi bihugu kuvyigana.

Mu Burundi abamenyeshamakuru babiri n'umuyobozi w'iradiyo baritezwe kur'uyu wa kane mu ntahe y'icese imbere y'ubutungane.