Muri Bujumbura Rural Abanyagihugu Barimo Gufungirwa mu Bigega vy’Amazi

Abantu 8 bagirizwa yuko bakorana n’umuhari FNL Palipehutu wa Agaton Rwasa boba bafungiwe mubinogo birimwo amazi mumisozi ya muberure , commune Isale mu ntara ya Bujumbura Rural.

Sake Matayo asanzwe ari mubakwirikiranira hagufi agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe ACPDH, amenyeshako bamwe muri abobantu bafungiwe kukirindiro c’abasoda kiri kumuberure, muri zone Benga.

Igiteye ubwoba nuko abobafunzwe barazwa mubigega vyamazi biri iruhande y’ico kirindiro.

Haheze indwi zibiri abasoda bishe abantu 13 bikekwa yuko ari abakorana na FNL ya Agaton Rwassa , kandi hakaba hariho n’imiryango icumi iriko iratotezwa kubera yikekwa yuko bakorana na FNL , nkuko sake matayo abimenyesha.

Bulamatari wa Bujumbura – Rural Zénon Ndaruvukanye yatumenyeshejeko adahakana yuko bamwe mubsoda boba bafungira abantu mumatangi y’amazi , mugabo yuko agiye kubitohoza.

Bulamatari Ndaruvukanye akaba yatangaje yuko ata musitanteri numwe aramushikiriza icegeranyo cerekana yuko abasirikare boba basinzikaza ubuzima bw’abanyagihugu muntara arongoye.

Intara ya Bujumbura rural akaba ariyo isigayemwo cane cane intambara hagati ya FNL n’abasoda ba Leta.