Igipolisi Cugarije Urugo rw’Umushingamateka Léonard  Nyangoma

Abapolisi barenga 20 barugarije urugo rw’umushingamateka, Léonard Nyangoma, akaba ari n’umukuru w’umugambwe CNDD. Kuva isaha 11 z’umugoroba, abapolisi bari bugarije urugo rwiwe ruri muri quartier ya Mutanga Nord.

Nkuko umuvugizi w’uyo mugambwe CNDD, Francois Bizimana, yabitubwiye kw’itelephone, abo bapolisi boba baje gusaka inkoho zoba zibitswe aho kwa Nyangoma. Léonard Nyangoma yagumye munzu iwe,kandi telephone yiwe yagumye ijimije.

Léonard Nyangoma arongoye umugambwe utavuga rumwe na Leta ya Petero Nkurunziza, CNDD. Biragoye kumenya yuko yoba ari iterabwoba ryoba ririko rigirirwa abatavuga rumwe na Leta.

Mu nama iheruka kubera i Bururi mu ntango za kuno kwezi kwa gatandatu, umugambwe CNDD-FDD uri k’ubutegetsi waratangaje yuko ugiye gukenyerera abamenyeshamakuru, imigambwe itavuga rumwe na Leta n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politique bita sociyete civile.

Gushika ubu ntawuramenya igituma abo bapolisi bugaraije urugo rw’umukuru w’umugambwe CNDD.