Abaforomo n’Abaforomokazi mu Burundi Basubiye ku Kazi

Abaforoma n'abaforoma kazi, n’abasanzwe babafasha ku mavuriro ya leta bahagaritse yegereyegere bahoramwo. Leta yemeye kubaha ivyo basaba nka vyose.

Abaforoma n’abaforomakazi muvyo basaba , harimwo umushahara w’ukwezi kwagatatu 2005 , leta yabakase kubera bari muri yegereyegere. Nkuko biri murwandiko icegera cambere c’umukuru wigihugu yateyeko igikumu kuri uyu wa 11/5/2006 , umushahara w’ukwezi kwagatatu basaba bazowuronka mu ntango y’ukwezi kwa munani uno mwaka 2006.

Ikindi batsindiye ni amafaranga y’ubushirukabute aturuka kumazamu barara , be n’ayandi aturuka kumpanuka zibashikira kubera akazi kabo kaminsi yose . Ayo mahera yoyo baraye bayaronse atavyokurindira nkuko abarongoye amasyndicats babivuga.

Leta yemeye yuko n’ayandi mezi ane yari ibaheraniye ,kuva mukwezi kwambere uno mwaka izoca iyabishura . Aharero ibitaro vyose bikaba bisabwa gutwara intonde zabakozi bavyo mubushikiranganji bw’ikigega ca leta kugira abobakozi bace baronswa amahera yabo bidatavye.

Tubibutse yuko amasyndicat y’abaforoma n’abaforomakazi yatanguye yegereyegere mumwaka 2004 , hanyuma haraba amazereno menshi mugabo leta itigeze ishira mungiro , uburero ibitari bike biriko biraboneka.

Tubibutse yuko abaforma n’abaforomakazi nabasanzwe babafasha bari hagati y’ibihumbi bitanu n’ibihumbi bitandatu.