Aloys Rubuka Yatorewe Kuyobora UPRONA

Abadasigana bahurikiye mumugambwe Uprona baratoye kuri uyu wagatandatu , igenekerezo rya 7 Nzero uno mwaka, Aloys Rubuka mukibanza c’umukuru w’umugambwe w’abadasigana Uprona.

Aloys Rubuka yahiganwa na Yohani Batista Manwangari , amatora akaba yabereye munyubakwa isanzwe irimwo icicaro gikuru c’ikigo c’akawa i Bujumbura, OCIBU.

Aloys Rubuka yaronse muri ayo matora , amajwi 454 , nayo uwo bahiganwa,Yohani Batista Manwangari aronka amajwi 417. Ayo matora yabaye mumwiherero.Kubera amatora yatanguye isaha zitatu z’agatondo aja kurangira k’umugoroba.

Bamaze gutora Aloys Rubuka kugiti c’umukuru w’umugambwe Uprona , basa n’abarushe. Baciye bumvikana kuduza amaboko, kugirango bemeze Antoine Cishahayo mukibanza c’icegera c’umukuru w’umugambwe Uprona, kuko ntanumwe bariko barahiganwa muri ico kibanza.

Aloys Rubuka amaze gutsinda , yamenyesheje ko ikintu cambere agiye kwihutira ari kugarukana abadasigana mumugambwe umwe , kuko hasigaye hari amababa abiri y’umugambwe Uprona biturutse kukurongora nabi uyu mugambwe. Ibaba rimwe rirongowe na Karori Mukasi ari mubuhungiro mugihugu ca Canada. Irindi ni iryo ubu riramutswa Aloys Rubuka , baryita ngo ni ibaba ryo Kumugumya.

Amatora y’umukuru w’umugambwe Uprona abaye hari indyane hagati y’uwahora awutwara Yohani Batista Manwangari n’icegera ciwe Karori Nditije. Bahora bakuranako agashambara , gushika naho abatemera Yohani Batista Manwangari
bamushengeza izuba ryaka yuko yamaze itunga ry’umugambwe Uprona .

Amatora y’umukuru w’umugambwe Uprona yari yitabwe n’ibihangange muvya politique nka Petero Buyoya yahoze atwara uburundi , muganga Maritino Nduwimna icegera cambere ca Présida w’igihugu Petero Nkurunziza .

Aloys Rubuka yaraye atowe yavukiye mu ntara ya cankuzo kw’igenekerezo rya 18 Myandagaro 1950. Amaze kurangiza amashure kaminuza mumwaka wa 1973, yabaye umwigisha w’indondabihugu mumashure yisumbuye.
Kuva 1988 gushika 1998, yabaye Bulamatari w’intara ya Rutana. Kuva 1988
gushika 1993, yatwara intara ya Kirundo. Kuva 1998 gushika 2005 yari arongoye intara ya cankuzo asanzwe avukamwo.

Tubibutse yuko umugambwe w’abadasigana Uprona washinzwe n’umuganwa Rudoviko Rwagasore yarondeye ukwikukira kw’Uburundi kuwambere Mukakaro 1962. Uprona wari umaze imyaka 31 utwara ari umugambwe umwe rudende
gushika mumwaka 1993. I Burundi ubu hari imigambwe 36 yemewe n’amategeko.