Reta y'Uburundi Yariyemeje Kurwanya SIDA

Reta yariyemeje gutsimbataza intambwe imaze gushikwako mu kurwanya ikiza c’ingwara ya sida.

Umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza, yamenyesheje ko mu gufasha abana banduye umugera wa sida canke babangamiwe n’ingaruka z’ico kiza, reta izoshimikira ku kuronswa imiti ipfupfahaza hamwe no gufasha imfuvyi n’abo bose bageram iwe n’ico kiza. Aho hari mu gihe c’itanguzwa icese ry’isekeza ryo kwitaho abana mu bijanye n’ingwara ya sida.

Abajejwe amashirahamwe afasha abana bamaze kwandura canke bageramiwe n’ikiza c’ingwara ya sida bemeza ko abana bene abo bagira ingorane z’umurengera zitewe n’ukutaronka imiti no kudakurikiranwa mu bijanye n’ubuvuzi, uguhonyanga agateka kabo, ukutarabwa ryiza nk’abandi bana, bigatuma bihebura.

Ibiharuro vy’itohozwa ryagizwe mu myaka y’1990, 2002 n’2005 vyerekana ko abantu bamaze kwandura umugera wa sida bavuye ku bice 11,3 % baja ku bice 9, 4 % mu bisagara. Ku bw’umushikiranganji wo mu biro kwa president ajejwe ukurwanya ikiza c’ingwara ya sida, Triphonie Nkurunziza, iryo gabanuka ntiryotuma abantu basinzira umukondorazosi, kuko ico kiza kiriko kirongerekana mu gihugu hagati, aho cavuye ku bice 0,70 % kija ku bice 2,5 % kuva mu myaka y’1990 n’2002.

Abana bari muri ivyo biharuro bagera ku 842.077 hisunzwe itohoza ryagizwe mu ntara 15 kw’icumi n’indwi zo mu Burundi muri uno mwaka.

Reta yiyemeje kandi kugwiza ibibanza vyo gufashirizamwo abavyeyi bibungenze baranduye kugira ngo bakingire abana bari mu nda.

Mu mugambi wayo wo kurwanya ikiza c’ingwara ya sida muri rusangi, yiyemeje kuzosubiramwo politique ijanye no kurwanya ico kiza, hamwe no gutegura umugambi w’ibizorangurwa mu myaka itanu iri imbere.

Tumenyeshe ko ivyo birori vyo gutangura icese isekeza ryo gukingira abana bageramiwe n’ikiza c’ingwara ya sida vyari vyashigikiwe n’abaserukira ubushiranganji bunyuranye bw’Uburundi, abaserukira amashirahamwe yitaho abana, ishami rya ONU ryitaho ibibondo UNICEF, hamwe n’iryitaho iteranbere, PNUD, ukaba ari nawo musi ishirahamwe ONU rihimbaza imyaka 60 irangiye rishinzwe.