Mu Burundi Joseph Ntakarutimana Yahebye Umwanya wa Minisitiri w'Ubutegetsi


Joseph Ntakarutimana yaremeye ko umugambwe CNDD-FDD utora irindi zina ry’uwuzosubirira uwahoze ari umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu. Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Twibutse y’uko igenwa rya Joseph Ntakarutimana n’umugambwe CDD-FDD ryatereye impari zitari hagati y’umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye n’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, akaba yahorwa ko adafise ibikwiye kugira ngo aje muri ico kibanza.

Tumenyeshe y’uko Joseph Ntakarutimana yahoze ari umunywanyi w’umugambwe Sahwanya frodebu ari nawo w’Umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye.

Ibiganiro vyabereye mu mpera z’iyi ndwi i Pretoria muri Afrika y’Epfo hagati ya president Ndayizeye na Pierre Nkurunziza, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, akaba n’umushikiranganji w’intwaro ibereye, bumvikanye y’uko uyo mugambwe usubira gutanga irindi zina. Izo mpari zari zatumye ubwo bushikiranganji bumara ukwezi kwose kurenga butararonka umushikiranganji mushasha mu nyuma y’urupfu rwa Simoni Nyandwi.

Joseph Ntakarutimana yemeza ko igihambaye atari impari, kandi ko agiye ahubwo kwitegurira bimwe biboneka ibijanye n’amatora ari imbere.

Twibutse ko Joseph Ntakarutimana yigeze kuba umwarimu mu mashure yisumbuye, yongera ararongora intara ya Ngozi. Mu nyuma yari mu baserukira Uburundi mu makungu, akaba yarabaye n’umushingamateka. Yemeza ko yitegereje amabanga yari amaze gushingwa, yari no gushobora gutwara ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu.