Mu Burundi Komisiyo y'Amatora ngo Izubahiriza Amatariki

Umurwi wigenga CENI ujejwe ugukurikirana amatora mu Burundi waramenyesheje icese ko ushobora gufatanya n’imigambwe mu gutunganya ukundi gusha ibikorwa bimwe bimwe bijanye n’itunganywa ry’amatora.

Ivyo umukuru wa CENI Paul Ngarambe yabimenyesheje mu nyuma y’imyidogo y’abakuru b’imigambwe bemeza ko, uko ibintu vyifashe, bitazotuma amatora aba mu mwidegemvyo n’ubwitonzi. Iyo migambwe iremeza ko ikiringo cahawe abazokwitoza ngo bazobe bashikirije ivya ngombwa umurwi CENI, ikiringo co kwiyamamaza, ukwitwara kw’imigambwe mu nyuma y’imenyekanishwa ry’ivyavuye mu matora vyahawe ikiringo gitoyi cane.

Ariko rero Paul Ngarambe avuga y’uko urukurikirane rw’ukugene amatora azogenda rudashobora guhinduka, kuko urwo rutonde rwagizwe hisunzwe ingaruka mu bijanye n’ukugene amatora yogenda muri rusangi:

“Twotangurira ku matora yo mu mitumba, twohava dushika hagati mu kwezi kw’indwi ata yandi matora turategura. Abanyagihugu nabo bohava babona ko turiko turateba, kuko si bose bumva ibikorwa vyose bikenewe kugira ngo amatora atunganywe.”

Tumenyeshe ko abatanga uburyo bwo kuringaniza amatora mu Burundi bemeye ko umugambwe wose mu migambwe 35 izohiganwa uzoshobora kuronka ikarata yawo y’amatora. Iciyumviro cari cashizwe imbere ubwa mbere n’uko ikarata imwe yojako ibiranga iyo migambwe yose, uwutora nawe agashira igikumu ku wo yitoreye.

Impungenge z’abanyamigambwe n’uko, kubera ubumenyi buke bw’abanyagihugu, benshi bagizwe n’abatize, ukwihenda kwoba kwinshi, abanyagihugu bakitiranya ibimenyetso.