Perezida Ndayizeye ngo CNDD-FDD Imubonere Minisitiri w'Ubutegetsi mu Minsi 2

Umukuru w‘igihugu, Domitien Ndayizeye, yarasubiriye gusaba ubugira kabiri umuhari CNDD-FDD y’uko womuha amazina atatu azokwitoreramwo uwuzosubirira Simon Nyandwi mu kibanza c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Ikete ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu rimenyesha ko urwo rutonde rutabonetse azoca yihitiramwo uwuzotwara ubwo bushikiranganji akoresheje ububasha ahabwa n’amategeko.

Iryo kete ryanditswe mu gihe uyo mugambwe wa Pierre Nkurunziza wari wafashe ingingo yo kuba urahagaritse imigenderanire na President Ndayizeye, n’uko abashikiranganji bawo bataba bacitaba inama nshikiranganji. Uyo mugambwe wagiriza umukuru w’igihugu y’uko yanse kugena umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu.

Twibutse y’uko Domitien Ndayizeye yahakanye izina rya Joseph Ntakirutimana yahoze mu mugambwe wa FRODEBU, ari na wo umukuru w’igihugu akomokamwo, akaba yagiriza uyo asigaye ari umunywanyi wa CNDD-FDD y’uko adashoboye gutwara ubwo bushikiranganji.

Umugambwe CNDD-FDD usaba amakungu hamwe n’abakuru bo mu karere k’ibiyaga binini bajejwe kwumvikanisha Abarundi mu ndyane y’uko bogondoza president Ndayizeye, akemera gukorana n’abo basangiye amabanga yo gutwara.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Pancras Cimpaye, arahakana ivyo vyagirizo, akamenyesha ahubwo ko insiguro y’indyane zihitiye ari ubwoba bw’imigambwe
imwe imwe bwo kutamenya neza ko intsinzi bwari bwizeye mu matora ari imbere uno musi ishobora kutayishikako.