ONU Igiye Gutangira Imigambi y'Amajyambere mu Burundi

Ishirahamwe ONU rigiye kuzotangura imigambi yerekeye iterambere. Ku musi wa gatatu niho umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Therence Sinunguruza, yashira ku mukono, ari kumwe n’abaserukira amashami ya ONU, UNICEF rijejwe ibibondo, FNUAP, rijejwe igwirirana ry’abantu, hamwe na PNUD rijejwe iterambere, ku nzandiko zitegekanya iyo migambi, mu kwemeza ko itanguye gushirwa mu ngiro.

Mw’ijambo umushikiranganji Sinunguruza yashikirije abanditsi n’abamenyeshamakuru, yamenyesheje icese y’uko Uburundi bugize intambwe mu bijanye n’imfashanyo bwahora buronka, iyo nayo ikaba yari iyo kugarukira ku bantu vyihutirwa, bukaba bugana imfashanyo yerekeye iterambere. Yarongeye aremeza ko ibiri muri izo nzandiko vyisunze ivyipfuzo vyari vyashikirijwe na reta y’Uburundi mu bijanye n’vyokorwa.

Iyo migambi ahanini iraba ibijanye n’intwaro ibereye, ugushira imbere agateka k’abana, ukurwanya ikiza c’ingwara ya sida, no guteza imbere imibereho y’abantu.

Ku bw’ishirahamwe ONU, iyo mfashanyo n’inyishu y’ibikenewe gushirwa imbere mu bijanye n’ihindagurika ririko riraba mu Burundi. Ugushira hamwe imigambi kw’ibisata bitandukanye vy’iryo shirahamwe kujanye n’ishirwa mu ngiro ry’ivyiphuzo bijanye n’ihindagurika ririko riraba mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Uwuserukira ibisata vyegukira ONU mfatakibanza mu Burundi, Antonius Broek, yemeza y’uko ari uburyo butomoye bwo gufasha mu bijanye n’iterambere mu Burundi.

Kugira ngo iyo migambi yose iranguke, ivyo bisata vya ONU bitegekanya kuzokoresha imiriyoni 80 z’amadollars. Muri ayo mafaranga yose, ayashika imiriyoni hafi 22 niyo asanzwe ari mu bigega, ayasigaye akazoboneka biciye mu mfashanyo y’abagiraneza n’ibihugu bisanzwe bitanga imfashanyo.

Tumenyeshe ko iranguka ry’iyo migambi rizokwishimikiza cane cane amashirahamwe y’abanyagihugu.