Burundi: Kubura Icyo Bakora Bibakururira SIDA

  • Venuste Nshimiyimana
    J.S

Urunyuragirane rw'abanyagihugu bagwiriyemwo abakiri bato nirwo rurangwa mw'ibarabara rigabura ikambi y'abateshejwe izabo ku murwa mukuru wa komine Kayogoro n'isoko. Imiyabaga imwe iva muri iyo site igana ako kaguriro, iyindi iremura isubira imuhira. Ku mabaraza y'amaduka n'insyo bikikuje iryo barabara n'isoko, urundi rwaruka ruba rwicaye canke ruhagaze mu mirwi rwongera ruganira. Icibonekeza n'uko ata mirimo abo bakiri bato baba bafise.

Imvo, n'ukutagira imitahe yotuma bakora imigambi yo kwiteza imbere. Muri ako karere k'intara ya Makamba, ibikorwa vyinjiza amahera n'ivy'abakuze gusa nk'uko imiyabaga ubwayo ivyemeza. Vyongeye, imwe muri yo ntikija gukorera amatongo yahoramwo, ku bw'umutekano muke. Sadock Niyoyankunze atwiganira ingene ubuzima bw'uwukiri muto bwifashe muri iyo kambi:

“Hariho bamwe baja gufasha abavyeyi kurima, n'abandi nyene birirwa ngaho kubera ataco bakora......Ngaha bamwe baradandaza nka birya vyo mw'isoko, abandi nabo, baja kwandura ibiharage.... Ivyo bikora bamwe bamwe ntibica bikora bose.”

Ukumenyana n'ukumenyerana hagati y'imiyabaga y'abahungu n'abigeme yo muri site Kayogoro vyoroherezwa n'uko babana hafi. Ukwunga ubucuti n'umukobwa ku bwa Jerome Ngendakumana, guterwa n'ukwamana nawe. Mu biyago vya minsi yose, baratandukira ibijanye no kurangura amabanga mpuzabitsina. Amasango y'ukugira ubushurashuzi aroroha guhana hagati y'urwo rwaruka, kuko rubana hafi.

Ubumenyi ruhanahana mu vyerekeye guhuza ibitsina na bwo nyene burwigisha ubuhumbu. Munyuma y'aho abwiriwe n'urunganwe ukugene amabanga y'abubatse agirwa, Sadock Niyoyankunze yaciye yiyumvira kubigeza.Ugutirimutswa n'abigeme n'iyindi mvo y'ukuja mu bushurashuzi. Nk'uko twavyiganiwe n'imisore imwe imwe, umukobwa yiyambika impuzu ngufi, akiyegereza umuhungu. Intumbero aba afise, kuba ari ukumusomborotsa, nawe agaca abonerwho kubanza kumusaba ko amuha ivyo akeneye. Nyandwi n'umusore twaganiriye abivuga: “ Nk'aho barashobora kubura nk'amahera y'agasabuni nk'umukobwa akavuga ati je ndibona ko ndi mwiza reka nze kurondera agasabuni kw'ibarabara ndondere umusore mpofora arakampa, yambaye imini, niho aca akaronka.... Apfa kumwiyegereza nyene akamuyagisha, nya musore aca ashiduka.”

Umugera w'ingwara ya sida uriho mu banyagihugu bo muri site Kayogoro nk'uko inkuru twatohoje muri bo nyene ubwabo n'intwaro zivyemeza. Ikimenyamenya n'inyishu z'ipima ryagizwe n'ishirahamwe ry'abagiraneza CORDAID, zerekana y'uko bamwe muri bo bafise uwo mugera. Bisubiye, urwaruka rumwe rumwe ruramaze gusinzikazwa n'ico kiza. Uguta ibiro n'ugufatwa n'ingwara z'urusukirane nk'inkorora idahera, n'ibimenyetso bagenzi barwo barubonako nk'uko twabitohoje. Bitayeko, uruja n'uruza rw'abigeme bagendana n'abagabo benshi bavuye mu zindi ntara ruriho muri iyo site nk'uko intwaro n'abanyagihugu bivyemeza. Twumvirize Samuel Mbonabuca umw,e muri abo bakiri bato twaganiriye.

“Hari igihe nk'ubu usanga nk'umuntu mwahora mugendana.... arashobora kuja kwa muganga canke naho ntagende mugabo nkabona ko adakomeye. Urashobora kurabisha ijisho, naho ridapima.... Urashobora kubona nk'umuntu yarahindutse mugabo kare yari avyibushe ugasanga, asigaye angana urwara, kandi adakira.”

Inyosha mbi z'urunganwe bamana zibuza uwukiri muto kwihangana. Ukubwirwa ko kurangura amabanga mpuzabitsina bizana umunezero gutera Sadock Niyoyankunze kudaheba ubusambanyi. Ikwiragizwa ry'ubukingirizo muri ako karere n'ukuburonka bitagoranye vyigishije urwaruka kutigumya. Kuva ico gikorwa gitanguye, ubusambanyi bwariyongereye mu miyabaga, ku bw'abakuze.

Vyongeye, ukutamenya urugero rw'abamaze kwandura umugera wa sida muri iyo site Kayogoro gutuma kutiyubara. Bisubiye, urugendo rurerure uwushaka kumenya uko amagara yiwe yifashe arinda kugira mu gushika aho yipimishiriza ruca inkokora. Ukugenda n'amaguru ibirometero 18, ava muri iyo komine Kayogoro aja ku murwa mukuru w'intara ya Makamba, biraruhisha nk'uko Elias Sukutora avyigana. Igikorwa c'ugupima umugera wa sida muri site Kayogoro ni ngirakamaro, nk'uko Nyandwi abitwiganira:

“Je ndabona ko ng'aha muri Kayogoro bozana icuma, bagashinga ibiro vyo gupima abantu , uwusanze yaranduye bakamuremesha, bakamuha impanuro ya gusa....vyotwungura, haje iryo tohoza nk'urwaruka rwoca ruguma ruheba ivyo bintu bumvise impanuro.”

“Je nobona hariho abantu benshi basanga baranduye hanyuma bakabura aho bipimisha, nk'abantu benshi kuja i Makamba birabagora....Nca niyumvira ko mwofasha, ko mwotabara nyene igipimo kikaza aha hafi, kuko benshi barabura aho bipimisha.”

Ku bw'imiyabaga yo muri site Kayogoro, ubumenyi ifise mu bijanye na sida, ntibukwiye kugira ngo ishobore kwikingira ico kiza. Ivyo urwo rwaruka rubivuga rufatiye kuko inyigisho ruzihabwa n'abatazinonosoye. Nk'uko rwabitumenyesheje, umuremeshakiyago mu vya sida, yigishwa ikiringo gito, inkurikizi ikaba iyo ugutangura ihimiriza ataratahura. Vyongeye nta bikoresho vy'ugushimangira ubumenyi aba afise mu kwigisha. Akarorero n'amashusho canke amasanamu yerekana ibijanye na sida. Intwaro ubwayo ntihakana yuko iryo himiriza ridahagije, ariko yemeza ko ari igikorwa gifata umwanya. Onesphore Misago arongoye komine Kayogoro ni we abitubwira:

“Kwigisha umunyagihugu ni uguhozako, kandi umwigisha mwiza ntarambirwa, twibaza yuko amashirahamwe, abajejwe intwaro tuzobandanya twigisha kuko mu bisanzwe ivyo bintu bijanye n'ikiza ca sida, n'ingwara itari imenyerewe cane kuvugwa mu banyagihugu, ni n'ingwara uravye n'uburyo yandukira atari ibintu abarundi bakunda gutwarira hejuru bivanye n'imico yabo, tubona ko ababijejwe bose bobandanya bigisha, kumbure bazoteba batahure.”

Ukutaronka inyigisho mu bijanye n'ingene umuntu yokwifata asanze yaranduye umugera wa sida, kwatumye ishirahamwe CORDAID ritamenyesha abo banyagihugu inyishu z'igipimo.


Abategura Ejo Bite



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.