Uburundi Buvuga ko Buzobandanya Gushigikira Kongo mu Ntambara Irimwo na M23

Jenerali de Brigade Gaspard Baratuza avugira igisirikare c'Uburundi

Jenerali de Brigade Gaspard Baratuza avugira igisirikare c'Uburundi

Uburundi butangaza ko abasirikare babwo bari muri Kongo bahagaze neza ku rubuga. Mu gihe umurwi wa M23 urwanya ubutegetsi bwa Kongo, uhiga kubandanya kwigarurira ibindi bice inyuma yo kwigarurira igisagara ca Goma, Uburundi buvuga ko buzobandanya gufasha Kongo ku neza y'umutekano w'akarere ivyo bihugu birimwo.

Jenerali de Brigade Gaspard Baratuza avugira igisirikare c'Uburundi, mu kiganiro cihariye yagiranye n'Ijwi ry'Amerika, yagarutse no ku makuru amaze iminsi avugwa, ku gitigiri kinini c'abasirikare b'Uburundi, bakomerekeye muru Kongo, bakaba boba bariko bavurirwa mu bitaro vy'abasirikare mu Kamenge"

Fyonda hasi wumve ibindi biri muri ico kiganiro Jenerari de Brigade Gaspard Baratuza yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe.

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Buvuga ko Buzobandanya Gushigikira Kongo mu Ntambara Irimwo na M23