Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin ejo ku wa kane yatangaje ko yiteguriye kuja mu biganiro vyotuma intambara igihugu ciwe catanguje muri Ukraine ihera. Putin avuga kandi ko mu vyo yiteguriye harimwo no kuganira n'indongozi za Ukraine ataco arinze gusaba.
Donald Trump yigamba ko afise "uburambe n'ubumenyi bwinshi bwo gufasha mu gutuma haboneka amasezerano hagati y'impande ziba zidacana uwaka. Ku vy'intambara y'Uburusiya na Ukraine yigeze kuvuga ko niyafata ubutegetsi, bizomufata amasaha ari munsi ya 48 kugira atume intambara ya Ukraine n'Uburusiya ihera. Ntiyigeze yamara avuga uko azobigenza kugira yumvikanishe izo mpande zidacana ukwa.
Ivy'uko Putin yiteguriye kuja mu biganiro vyotuma intambara ihera, yabivugiye mu kiganiro yakoreye kuri tereviziyo y'igihugu. Muri ico kiganiro, Putin yavuze ko yiteguriye guhura na Trump. Ati:" Haheze imyaka myinshi tutavugana, ariko nditeguye guhura nawe."
Muri ico kiganiro, Putin yahakanye ivy'uko Uburusiya bwatakaje inguvu, avuga ahubwo ko kuva arungika ingabo ziwe muri Ukraine mu 2022, Uburusiya bwakomeye cane. Mu kwezi guheze, Itororokanirizo ry'amakuru y'Abongereza, Reuters, naryo ryari ryatangaje ko Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya yavuze ko yiteguriye kuvugana na Donald Trump ku ngingo zotuma haboneka agahengwe k'intambara. Ico yari yahakanye ku bwa Reuters, ni ugusubiza Ukraine uburere bwayo yigaruriye. Ico gihe yavuga kandi ko Ukraine ibwirizwa kubanza guheba umugambi wo kwinjira mu ishirahamwe ryishinze kwivunira hamwe umwansi, OTAN.