Ibitero vy'Indege z'Ingwano za Israyeri Vyishe Abantu 12 mu Ntara ya Gaza

Ibitero vya Isirayeri mu gisagara ca Beit Lahiya mu ntara ya Gaza

Abajejwe amagara y'abantu mu ntara ya Gaza batangaje ko ibitero vy'indege z'ingwano za Israyeri vyishe abantu 12.

Ivyo bitero birimwo icabereye mu gisagara ca Beit Lahiya, mu buraruko bw’intara ya Gaza, cahitanye abantu 10, nk’uko vyatangajwe n’abajejwe amagara y’abantu muri iyo ntara.

Ibindi bitero vy’indege z’ingwano za Israyeri, vyabereye mu gice co hagati mu ntara ya Gaza no mu karere ka Rafah, mu bumanuko bw’iyo ntara.

Ubwo bwicanyi buriko bubandanya mu gihe hariko haba akigoro gashasha ko gushika ku masezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas. Ayo masezerano yoba arimwo kurekura abagizwe imbohe bakiri mu minwe y’abarwanyi b’umurwi Hamas.

Mu misi ya vuba, abategetsi ba Israyeri barerekanye icizere ko intambwe zishobora gushikwako mu biganiro vyahagaze mu kiringo kitari gito. Ni mu gihe umurwi Hamas, kuri uyu wa kabiri, watangaje ko wemera ko amasezerano ashobora kwumvikanwako mu gihe Israyeri itokwongerako ibindi bintu isaba.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Misiri na Katari vyarakoze mu kiringo c’amezi atari make mu ntumbero yo gufasha gushika ku masezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas.