Nijeriya Yahagaritse Abantu 800 Bagirizwa Ubunyonozi kuri Interineti

Nijeriya iriko iratohoza abantu bagera ku 800 bahagaritswe mu ndwi iheze ku mu murwa mukuru w'Ubutunzi wa Nijeriya, Lagos, bagirizwa ko bakoze ubunyonozi bakoresheje interneti.

Urwego rujejwe kurwanya ruswa muri Nijeriya rwatangaje ko ico ari co gitigiri kinini cane c’abantu bahagaritswe mu gikorwa kimwe rudende. Umuvugizi w’urwo rwego, Wilson Uwujaren, yabwiye Ijwi rya Amerika, kuri uyu wa kabiri, ko ingingo yo gufata ata bantu yafashwe inyuma y’amezi atari make y’iperereza.

Mu bikekwa ubunyonozi bukorwa hifashishijwe ubuhinga bwa interneti, 792, harimwo abanyamahanga 193, benshi muri bo, akaba ari Abashinwa, bafashwe kw’italiki 10 y’uku kwezi kw’icumi na kabiri mu nyubakwa y’igorofa indwi. Iyo nyubakwa ibonwa ko yari ikibanza abo abantu baronkeramwo imyimenyerezo y’ibijanye no gukora ivyaha vyifashisha ivyuma nyabwonko.

Umuvugizi w’urwego rujejwe kurwanya ruswa muri Nijeriya yatangaje ko abanyamahanga bariko binjiza Abanyanijeriya, bakabamenyereza ku vyerekeye kubesha abantu b’igitsina gore ko babakunda, no kubesha abandi ko bashobora kubafasha kwunguka mu vyerekeye imirimo y’ubudandaji.

Abari ku rutonde rw’abanyonororwa, bari abantu baba muri Amerika yo mu buraruko n’umugabane w’Ubulaya.

Urwego rujejwe kurwanya ruswa muri Nijeriya rwarafashe ivyuma nyabwonko, telefone n’imodoka amajana n’amajana, mu gikorwa rwakoze co guhagarika abikekwa ubunyonozi bakoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi.

Urwo rwego rwatangaje ko ruriko rukorana n’abo basangiye igikorwa co kurwanya ubwo bugizi bwa nabi bo mu mahanga, kugira bamenye niba abikekwa muri ubwo bugizi bwa nabi, bakorana n’iyindi mirwi ikora ubunyonozi ikoresheje ivyuma nyabwonko.

Urwo rwego rusigura ko abafashwe bikekwa ubwo bugizi bwa nabi bazorengutswa muri sentare kugira bishure ku vyaha vyabo mu misi iri imbere. (VOANEWS)