Impande zitandukanye zirimwo ubuserukizi bw’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, n’amashirahamwe mpuzamakungu arimwo ONU, kuri uno wa kabiri zahuye n’abaheruka gutembagaza ubutegetsi muri Siriya, barwiriyemwo abatsimbataye ku idini rya Isilamu, bari bamaze imyaka ari abarwanyi.
Umushikiranganji wa mbere w’imfatakibanza, Abou Mohammad al-Jolani, yahumurije abo babonaniye i Damas ku murwa mukuru wa Siriya ko ubutegetsi bwiwe buzogendera ku mategeko yubahiriza abanyagihugu. Yabasavye guhanagura ibihano vyose bashize kuri Siriya kugira impunzi zishobore gutahuka vyihuse.
Mu bo babonanye, harimwo intumwa z’Ubufaransa, Ubudagi, Ubwongereza na ONU. Jean-François Guillaume, yari mu ntumwa z’Ubufaransa, yavuze ko Ubufaransa n’Ubumwe bwa Buraya biteguriye gufasha indongonzi z’imfatakibanza no kuba ku ruhande rw’abanyagihugu ba Siriya.
Indongozi nshasha za Siriya zahuye kandi na Tom Fletcher, atwara igisata ca ONU kijejwe gutabara imbabare, OCHA. Inyuma y’umubonanao bagiranye, yanditse ku rubuga rwiwe rwa X ko ibiganiro hagati yabo vyagenze neza.
Yavuze ko mu vyihutirwa harimwo gufasha abanyagihugu ba Siriya, yumvikanisha ko indwi kw’icumi muri bo bakeneye imfashanyo zihuta.
ONU yavuze kandi ko yiteze ko impunzi zigera ku muriyoni umwe zizoba zimaze guhunguka kugera mu kwezi kwa gatandatu kw’uno mwaka. Ku ruhande rwayo, Amerika yatangaje ko hari ibiganiro yamaze gutangura gukorana n’abatembagaje ubutegetsi bwa Bachar el-Assad.
Abanyagihugu ba Siriya bari mu buhungiro baharurwa mu miriyoni zitandatu. ( AFP)