Isirayeli Ishaka Kuzogenzura Umutekano Muri Gaza Nyuma y'Ingwano

Ministri w'ingabo wa Isirayeli, Israel Katz

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Israyeri abona ko igihugu ciwe kizogenzura umutekano muri Gaza inyuma y'ingwano muri iyo ntara.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Israyeri, Israel Katz, kuri uyu wa kabiri yatangaje ko igihugu ciwe kizogenzura umutekano mu ntara ya Gaza inyuma y’uko urugamba rwo kurwanya umurwi Hamas rurangiye.

Mu butumwa ku rubuga X, Israel Katz yagereranije uko abona ibintu vyogenda mu ntara ya Gaza n’ukugene ibintu bimeze mu ntara ya Sijordaniya bigaruriye.

Muri iyo ntara, inteko za Israyeri zirakora kenshi ibitero zivuga ko bigenewe gutuza no gutesha ibikorwa vy’iterabwoba.

Israyeri yatangaje ko ingwano irimwo kubera mu ntara ya Gaza ifise intumbero yo gutsinda umurwi Hamas no gukora ibishoboka vyose ku buryo abarwanyi bawo batazoshobora gusubira gutera Israyeri, nk’uko babigenjeje mu gitero bakoze mu kwezi kw’icumi mu mwaka urangiye w’i 2023. Ico gitero cahitanye abantu 1.200.