Bachar al-Assad: Abatembagaje Ubutegetsi Bwanje ni Inkozi z'Ikibi Zikora Iterabwoba

Bachar al-Assad yahoze atwara Siriya

Inyuma y'indwi irenga Bachar al-Assad avanywe ku butegetsi bwa Siriya, uno munsi yagize ico avuga ku ncuro ya mbere kw'ikomborwa ry'iwe n'ingene yahunze igihugu. Yavuze ko Siriya yamaze imyaka 20 atwara, ubu iri mu minwe " Y'inkozi z'ikibi yagirije iterabwoba."

Bachar al-Assad mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram, yavuze ko bitandukanye n’ivyo benshi bavuze, yahunze igihugu, urunani rw’abarwanyi bamuvanye ku butegetsi bamaze kwigarurira umurwa mukuru wa Siriya.

Yagize ati : " Sinigeze ntegekanya guhunga, kandi sinahunze mu masaha ya nyuma y’intambara nkuko benshi babivuze. Uburusiya bwantegetse ko nkinjura, hama nanje ca ngenda ku mugoroba w’igenekerezo rya 8, ukwezi kwa cumi na kabiri. Reka ndababwire, ubu igihugu kiri mu minwe y’abantu bakora iterabwoba.”

Urunani Hayat Tahrir al-Cham, HTS, rwatembagaje ubutegetsi bwa Siriya rwahoze ari rimwe mu mashami y’intagondwa za Al-Qaeda, ziyitirira idini rya Isilamu. Urwo runani naho rwemeza ko rwavavanuye burundu n’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu, ruracari mu bo Amerika n’ibihugu vyinshi vyo mu burengero bw’isi bifata nk’intagondwa.

Impande zitandukanye ariko zamaze gutangaza ko ziriko ziraraba uko ubutegetsi bukomoka muri urwo runani bwitwara: Uno munsi, umuryango w’ubumwe bwa Buraya warungitse intumwa yawo idasanzwe I Damas ku murwa mukuru wa Siriya kubonana n’abafise ubutegetsi bw’ico gihugu. Ubumwe bwa Buraya buvuga ko inyuma y’urugendo rw’iyo ntumwa yabwo, buzoca burimbura nimba abariko bategeka Siriya bari mu nzira nziza.

Amerika n’Ubwongereza navyo nyene vyavuze ko biriko biravugana n’abatembagaje ubutegetsi. Ubufaransa nabwo, bwuguruye ambasade yabwo I Damas bwari bumaze imyaka 12 bwarugaye. Turukiya nayo yasubiye kuyugurura ku wa gatandatu. Ku rundi ruhande, Geir Pedersen, intumwa idasanzwe ya ONU muri Siriya yasavye ko intwaro y’imfatakibanza ihari ubu vyoba vyiza atawo ikumiriye, kandi ikizerwa na bose.

Umushikiranganji wa mbere w’imfata kibanza muri Siriya, Mohammad al-Bachir, yijeje ko azokora ibishoboka akubahiriza bose, kandi abanyagihugu bagasubira mu buzima bwabo bwiza vyihuse. Ubutegetsi bwiwe bitegekanijwe ko buzohera igenekerezo rya mbere ukwezi kwa gatatu umwaka uza.

Ubutegetsi bwa Bachar al-Assad bwatembagajwe inyuma y’imyaka 50 we n’abo mu muryango bari babumazeko. Muri iyo myaka 50, harimwo 24 yabumazeko. (AFP)