Uburundi Bwipfuza Gutera Imbere Biciye mu mu Mugambi 2040-2060

Bamwe mu bitabiriye inama iriko ibera mu Burundi

Mu Burundi hatanguye kuri uyu wa kane inama y’iminsi 2 ihuza abagwizatunga, abanyamitahe n’abafasha mw’iterambere ry’ico gihugu bavuye mu bice bitandukanye vy’isi. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ahamagarira umugwizatunga wese avyipfuza kuzana imitahe mu Burundi kuko "Uburundi ari ihuriro ry’imiryango minini ihuza uburere butandukanye bwa Afrika"

Iyo nama yatanguye mu gitondo co kuri uyu wa kane igihe c’isaha zine. Yitabwe n’abanyamitahe n’abagwizatunga bigenga, abaserukiye ibihugu bitandukanye hamwe n’imiryango nk’iya ONU, iya buraya, iy'Abarabu, Amerika n’ahandi. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, mu butumwa bwiwe ku bitavye inama, yavuze ko uburundi bufise vyinshi vyo kwirukira kandi vyofasha mu kugwiza ubutunzi.

Yagize ati: “Abarundi bagizwe n’abantu bakiri bato kandi ni abakozi. Urwaruka rwonyene rurarenga ibice mirongo itandatu kw’ijana. Ntimushire amaso cane ku buringanire buto bw’igihugu c’Uburundi. Aha turi mu kibanza gihuriramwo imiryango myinshi itandukanye y’akarere ka Afrika. Kuba rero Uburundi buri muri ico kibanza, bituma buba ihuriro ry’ibikorwa bifasha mu guhanahana ibidandazwa no kuduza ubutunzi, ufatiye aho ibihugu biherereye, kandi bigatanga akaryo k’isoko yagutse cane ku bafise ivyo bahakorera n’ivyobashora.”

Ibishigikirwa n’umushingamateka Olivier Suguru arongoye ihuriro ry’abadandaza n’abagwizatunga mu Burundi. Nkuko yabishikirije abagwizatunga n’abanyamitahe muri iyo nama, avuga ko igisata c’abigenga mu Burundi gifise amahirwe kandi hari n’abakozi bazimbutse. Hakiyongera ko "Uburundi bufise amasoko bushoreramwo ibidandazwa arimwo abantu barenga umuriyaridi n’inusu w’abasumyi. Mu burimyi, ko ushobora kurima amezi iceda kuri cumi n’abiri. Ico afata nk’amahirwe ku bipfuza kugwiza umwimbu".

Yabateye akamo agira ati: “Uburundi ni igihugu aho ico ari co cose gishoboka gukorwa mu bijanye n’ubutunzi. Ni igihugu gisa n’ikigaragara mu bijanye n’imitahe hamwe n’abanyamitahe. Ndahamagarira abantu bose bari mu gisata co kugwiza ubutunzi baje bavuye mu bice bine vy’isi kuza kwifatanya natwe mu kurondera gushika kuri iyo mbona kazoza. Uburundi bwarahuye n’amakuba atandukanye kandi yagiye yisubiriza, ariko ndabibabwiye ntabahenda, Uburundi bwarageze kure mugabo dutegerezwa kwivyukiranya. Rero nimba wipfuza kwivyukiranya, wokwivyukiranya hamwe n’Uburundi.”

Mohamed Methqal, ambasaderi akaba n’umuyobozi mukuru w’ikigo c’igihugu ca Maroke kijejwe ivyo gufashanya n’amakungu, ni umwe mu bashikirije amajambo yaserukiye abafatanyabikorwa. Kw’izina ry’abaje mw’iyo nama abona ko ivyipfuzo n’imbonakazoza vy’Uburundi.

Yagize ati: “Imbonakazoza ya 2040-2060 ni icipfuzo c’ukuri kandi gishoboka. Igihugu ca Maroke ciyemeza kubandanya gushigikira Uburundi. Abanyeshure b’abarundi bahabwa buruse zo kwiga mu makaminuza uyumunsi bangana na 342. Ikimenyetso gikomeye ku gufashanya hagati y’ibi bihugu bibiri Uburundi na Maroke. Abanyeshure 199 bari kwiga mu bisata mfatiro bitandukanye bizofasha kandi vy’ingirakamaro mw’ishirwa mu ngiro ry’imbonakazoza y’Uburundi bwifashe 2040, buteye imbere 2060.”

Oluseguno Obasanjo yigeze kuba arongoye igihugu ca Nigeria yitavye iyo nama avuga ko guteza imbere ubutunzi ari vyiza ariko ko muri ico gikorwa igihambaye muri vyose ari amahoro, umutekano n’ukwishira ukizana. Ivyipfuzwa n’Uburundi kubishikako nuko hoshirwa imbere gukuraho inzitizi ku banyamitahe n’abarwizatunga, uko abantu bakirwa mu gihugu, abazana imitahe yabo uko bafatwa n’ibindi.

Obasanjo Akabona ko ivyo bifatiweko bigatora inyishu bizogira ingaruka nziza ku mbonakazoza Uburundi bwihaye. Imigambi iri imbere mu vyo umushikiranganji w’ikigega n’ubutunzi Audace Niyonzima yabwiye abari mu nama ni ukwubaka amabarabara y’indarayi bihuza Uburundi, Tanzaniya na Kongo, ay’igihugu, inyubakwa zigezweho n’ibindi.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru Ijwi ry'Amerika yateguye iciye ku bakunzi bayo mu Burundi

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Bwipfuza Gutera Imbere Biciye mu mu Mugambi 2040-2060