Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, yashitse kuri uyu wa gatatu mu gisagara ca Lobito, ku musi wa nyuma mu rugendo arimwo muri Angola.
Ni igisigara kirimwo ikivuko gihayagiza umugambi wa Reta yiwe wo kwagura inzira ya gali ya moshi izokoreshwa mu gutwara ubutare bufise akamaro gakomeye cane buvanywe muri Republika ya Demokrasi ya Kongo bugana mu bihugu vyo mu burengero bw’isi.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatanze ingurane y’imiliyoni 550 y’amadolari agenewe gukoreshwa mu mugambi wo kunagura no kwagura iyo nzira ya gali ya moshi. Nta taliki yatanzwe ku vyerekeye guheraheza uwo mugambi.
Prezida Biden, yatangaje ko igihugu ciwe kizobandanya gukorana n’umugabane wa Afrika mu kiringo kirekire kiri imbere igihe yabonana na Prezida wa Angola, Joao Lourenco ku murwa mukuru, Luanda, ku musi wa kabiri w’iyi ndwi.
Hari mu rugendo rwiwe rwa mbere ari narwo rwonyene agize ku mugabane wa Afrika ari mu mabanga yiwe ya Prezida. Rubaye indwi nkeyi gusa imbere y’uko ikiringo ciwe kirangira.
Angola imaze igihe kirekire ifitaniye imigenderanire ikomeye n’Ubushinwa n’Uburusiya. Yamara yariyegereje kurushiriza n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi mu bihe vyaba.
Prezida Joao Lourenco yatangaje ko Angola ishaka gukomeza ugukorana na Reta Zunze ubumwe za Amerika mu vya gisirikare hamwe n’umutekano.