Abavyeyi Baratewe Impungenge n'Amasanganya I Makamba

Abunguruza abantu ku mapikipiki

Mu Burundi, abavyeyi bafise abana biga hafi ya paruwase katolika ya Makamba baratewe impungenge n’amasanganya aba kw’ibarara rica imbere y’iyo paruwase.

Abakorera imbere y’iyo paruwase aho bita I Matonge, basigura ko ata indwi ihera hatabaye isanganya riterwa n’umuvuduko urenze w’abunguruza abantu ku mapikipiki.

Mu gatondo, ku mutaga canke ku mugoroba mu gihe abanyeshure baba bariko barajabuka ibarabara ari benshi baja canke bava ku mashure agera kuri atanu, ni ho canecane hakunze kuba ayo masanganya.

Ni na wo mwanya usanga hari uruja n’uruza rw’abunguruza abantu ku mapikipiki aho bita i Matonge ni imbere y’isengero katolika ya Makamba.

Umuyobozi w’ishure shingiro rya Makamba ya kabiri Nimubona Jules adoma urutoke ku bunguruza abantu ku mapikipiki ko ari bo nkwegabara.

Urongoye abunguruza abantu ku mapikipiki nawe avuga ko vyamurengeye.

Kuri iryo barabara ry’i Matonge nta ndwi yijana ata mwana ahagongewe. Mu kwezi kwa cumi guheze konyene igipolisi i Makamba caharuye abana bagera Kuri 6 bagongewe kuri iryo barabara.

Ku ruhande rw’abarezi, baragerageza kwigisha abana ukugene bojabuka neza ntibahure n’amasanganya.

Ariko ku bana bakiri bato, bica mu gutwi bigaseruka mu kundi nk’uko umuyobozi w’ishureshingiro ya Makamba ya kabiri amaze kubibona. Uwurongoye abunguruza abantu mapikipiki nawe asaba ko abajejwe intwaro bofasha.

Ku kibazo c’udusozi ngabanyamuvuduko, uwurongoye komine Makamba Irakiza Zuwena ati tugiye kuciga mu nama ya komine.

Ariko mu kurindira avuga ko bazovugana n’abajejwe igipolisi gikinga amasanganya gifashe mu kujabutsa abana. Uyo atera akamo abavyeyi kwigora bagaherekeza abana bato bakabajabutsa mu ntumbero yo kubakingira.

Your browser doesn’t support HTML5

Amasanganya y'abana bava ku mashure