Abagera kuri 56 Baguye mu Gushamiranba kw'Abashigikiye ama Ekipe Atandukanye muri Gineya

Abantu 56 barapfuye, abandi batari bake barakomereka bivuye ku mishamirano hagati y’abakunzi b’ama ekipe atandukanye, yatumye abantu bacanako bagahonyangana, bariko barahunga, ku kibuga c'umupira w'amaguru mu bumanuko bw'igihugu ca Gineya. Iyo nkuru yatangajwe na Reta y'ico gihugu kuri uyu wa mbere.

Ivyo vyabaye inyuma y’uko abari bashigikiye amakipe atandukanye, yariko arakina, batanguye gutana mu mitwe. Abajejwe amatohoza, bari mu gikorwa co kwihweza abagize uruhara mu guhonyangana kwabaye ku musi w’Imana urangiye. Vyamenyeshejwe n’umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, Fana Soumah, mw’itangazo ryasomwe kuri televiziyo y’igihugu.

Ivyo vyabereye mu kibuga c’umupira w’amagru cari cuzuyemwo abantu isinzi igihe inteko zijejwe umutekano zagerageza gutandukanya abarorerezi bariko batana mu mitwe. Umushikiranganji wa mbere wa Gineya, Amadou Oury Bah, mu butumwa ku rubuga Twitter, yatangaje ko abategetsi bariko bakora kugira bagarukane umutekano mu karere, iryo sanganya ryabereyemwo. Ivyabaye ku musi w’Imana urangiye vyerekana ibibazo bijanye n’umutekano bibandanya kwigaragaza mu bibuga vy’umupira w’amaguru muri Gineya.

Ibinyamakuru vyo mu karere iryo bara ryabereyemwo ku musi w’Imana, vyatagnaje ko inteko zijejwe umutekano zagerageje gukoresha imyuka ibabaza mu maso kugira zigarukane umutekano, inyuma y’akajagari katewe nn’uko uwuhagarriye urukino, yahaye imwe muri izo ekipe akaryo ko gutera penaliti, itahuriweko na bose. Iyo penaliti yarashavuje abashigikiye ekipe yahanywe, baca batangura gutera amabuye.

Inteko zijejwe gucungera umutekano zaciye zikoresha imyuka ibabaza mu maso. Benshi mu bapfuye bari abana. Bamwe mu bakomeretse bariko baravurirwa mu bitaro, bameze nabi cane. (AP)