Ejo aho bukera ku wa kane, i Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya hazotangura inkino za Elite 16, zitanga uburenganzira bwo kwitabira ihiganwa rya BAL (Basketball Africa League).
Ama ekipe umunani yo muri Afrika y’ubuseruko n’iy’ubumanuko, ni yo azohiganwa i Nairobi. Ekipe zibiri za mbere muri buri murwi, ni zo zizoronka itike yo gukina inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma. Izizoshobora gushika mu rukino rwa nyuma muri izo zibiri, nazo zizoca zironka uburenganzira bwo gukina inkino za BAL.
Ekipe Urunani Basketball Club ihagarariye Uburundi muri aya mahiganwa, iri mu murwi urimwo City Oilers yo muri Uganda, Matero Magic yo muri Zambiya na Fox Basketball yo muri Sudani y’epfo.
Mu kiganiro Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Washington DC, Diane Nininahazwe, yagiranye n'umwe mu bamenyereza b'Urunani, Elvis Hakizimana azwi kw'izina rya Gafyisi, yavuze ko intambwe ekipe amenyereza igezeko bayishimiye. Fyonda hasi, wumve ibindi biri mu kiganiro ca Gafyisi na Nininahazwe.
Your browser doesn’t support HTML5
Abakunzi b’umurwi w’Urunani n’abahinga mu mukino wa Basketball, babona ko umurwi w’Urunani ufise ubushobozi bwo gushika mu nkino za Basketball Africa League. Bamwe muri bo, babwiye Ijwi ry'Amerika ko bemeye gufata urugendo rw’imodokari kugira baje i Nairobi muri Kenya gushigikira umurwi w'Urunani.
Abavuganye n’Ijwi ry’Amerika muri bo, bavuze ko batigeze baterwa ubwoba n'ibirometero birenga igihumbi biri hagati ya Bujumbura na Nairobi bafashe kugira baje gushigikira Urunani. Basigura ko icabajanye i Nairobi ari ugufata mu nda umurwi bakunda, kandi bizeye ko bazoshika mu nkino za BAL.
Cristal Gatabazi nawe, umwe mubamenyereza b’Uburundi mu rukino rwa basketball, akaba akurikiranira hagufi inkino za BAL, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Urunani rufise amahigwe yo kugera aho Dynamo itageze mu mwaka uheze. Mu kiganiro yagiranye na Desire Hatungimana akorera Ijwi ry’Amerika i Kigali mu Rwanda, yasiguye igituma afitiye icizere uwo murwi ukunzwe cane mu gisagara ca Bujumbura eka no mu gihugu cose. Fyonda hasi wumve ibindi biri muri ico kiganiro ca Gatabazi na Hatungimana.
Your browser doesn’t support HTML5
Uburongozi bwa BAL bwatangaje ko inkino zo mu karere ka Kalahali zizobera mu gisagara ca Rabat muri Maroke. Zizobera ku kibuga ca Prince Moulay Abdellah Sports Complex kuva igenekerezo rya 5 gushika irya 13 ukwezi kwa kane, umwaka wa 2025.
Izo mu karere ka Sahara zizobera i Dakar ku murwa mukuru wa Senegal, nazo zibere muri Dakar Arena kuva itariki 26 z’ukwezi kwa kane kugera itariki 5 ukwezi kwa gatanu, izo mu karere ka Nil, zizotangura igenekerezo rya 17 kugera irya 25 ukwezi kwa gatanu, muri BK Arena i Kigali.
Muri utwo turere dutatu, hazohurira imirwi yabaye iya mbere mu bihugu nka Angola, Misiri, Maroke, Nijeriya, U Rwanda, Senegal na Tuniziya, hiyongereko imirwi itanu izova mu nkino za Elite 16.
Iyo mirwi uko ari 12, izoca ishirwa mu mirwi itatu, umunani yasumbije iyindi ihurire i Pretoria muri Afrika y’Epfo mu nkino za nyuma. Izo nazo zikazobera muri SunBet Arena kuva igenekerezo rya 6 gushika irya 14 ukwezi kwa gatandatu.