Dogiteri Faustine Ndugulile yari yatowe kuba umuyobozi w'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, ku mugabane wa Afurika, yitavye Imana mu gihugu c'Ubuhindi, aho yariko arivuriza.
Umukuru w’inama nshingamateka ya Tanzaniya, Tulia Ackson, yavuze ko imigambi yo gushingura ikiziga ca Faustine Ndugulile iriko irategekanywa. Yamara, ntiyavuze indwara yahitanye ubuzima bwa Ndugulile.
Dogiteri Faustine Ndugulile yari yatowe kuba umuyobozi w’ishirahamwe OMS ku mugabane wa Afrika mu kwezi kw’umunani kw’uyu mwaka. Vyari bitegenijwe ko atangura amabanga yiwe mashasha mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka utaha w’i 2025. Yosubiriye Dogiteri Matshidiso Moeti, yaranguye ayo mabanga mu biringo bibiri.
Mw’ijambo ryo kwemera amabanga yiwe mashasha, Dogiteri Faustine Ndugulile, yari yatangaje ko azokora ibishoboka vyose kugira ashire imbere amagara n’ukubaho neza kw’abanyagihugu bo ku mugabane wa Afrika.
Dr. Ndugulile, yari afise imyaka 52, yarabaye umushingamateka, n'icegera c’umushiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Tanzaniya, hagati y’umwaka w’i 2017 n’uw’i 2020. Yarabaye kandi umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru.
Prezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan, mu butumwa ku rubuga X, yerekanye umubabaro ku rupfu rwa Dogiteri Faustine Ndugulile. Ni mu gihe umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedros Adhanom Gebreyesus, mu butumwa ku rubuga X, yatangaje ko yaguye mu gahundwe kandi ababajwe n’urupfu rwiwe. (AP)