Abanyanamibiya, kuri uyu wa gatatu, bari mu matora y'umukuru w'igihugu. Abanyagihugu muri Namibiya biteze ko ubuyobozi buhinduka mu gihugu. Abagera ku muliyoni n’ibihumbi 400, ni ukuvuga hafi y’ica kabiri c’abanyagihugu bose, bariyandikishije kugira batore umukuru w’igihugu n’abazogira inama nshingamateka mu kiringo c’imyaka itanu.
Bitegekanijwe ko ibibanza vyo gutoreramwo vyugara igihe c’isaha zitatu zo mw’ijoro mu masaha yo muri Namibiya. Ibizoba vyavuye mu matora bizotangazwa mu mpera z’iyi ndwi.
Abanyapolitike 15 bariko barahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu.
Barimwo Netumbo Nandi-Ndaitwah, asanzwe muri iki gihe ari icegera ca Prezida. Aserukira umugambwe uri ku butegetsi, SWAPO. Ari imbere y’abandi bahiganwa inyuma y’amatora adasanzwe y’imbere y’igihe y’ababa hanze y’igihugu n’inteko z’igihugu, yabaye.
Ivyavuye muri ayo matora yabaye imbere y’igihe, vyatangajwe mu ntango z’uku kwezi.
Umugambwe SWAPO, wayoboye Namibiya mu kiringo c’imyaka 34, kuva ico gihugu cikukitra mu mwaka w’i 1990, urahanzwe n’ishavu ry’abanyagihugu ryatewe n’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi hamwe n’ubushomeri buri hejuru mu gihugu, cane cane mu bakiri bato.
Hazoba incuro ya kabiri y’amatora niyo ata n’umwe mu bahiganwa yotsinda afise ibice birenga 50 kw’ijana vy’amajwi. Ivyo ntibirigera biba imbere y’aho. (AP)