Isirayeri na Hezbollah Vyemeye Amasezerano y'Amahoro

Amesezerano yo gutanga agahengwe k'intambara hagati ya Isirayeri n'umurwi Hezbollah yatanguye kuja mu ngiro kuri uyu wa gatatu. Abategetsi ba Amerika n’Ubufaransa batangaje ko ayo masezerano, ashobora kuzotuma haba akandi gahengwe mu ntara ya Gaza.

Igisirikare ca Israyeri cagabishije abanyagihugu bo muri Libani, kibasaba kuguma kure y’ibisagara bito bito n’imihana, nk’uko cari cabategetse kuhava. Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubufransa vyaragize uruhara rukomeye mu gufasha gushika ku masezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hezbollah, mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri.

Prezida wa Amerika, Joe Biden yavuze ko amasezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hezbollah ari intambwe ikomeye cane mu mugambi wo guhagarika ubwicanyi n’uruhagarara mu karere ko mu buserurko bwo hagati bw’isi. Yatangaje ko Irani n’imirwi bikorana, Hezbollah muri libani na Hamas mu ntara ya Gaza, vyatakaje vyinshi cane mu ngwano na Israyeri imaze ikiringo kirenga umwaka. Biden yavuze ko amasezerano yapfunditswe mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, agenewe guhagarika intambara ku buryro ntabanduka.

Umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu yatangaje ko ni yo umurwi Hezbollah wasubira gukora ibitero ku gihugu ciwe canke ugasubira kurondera ibindi birwanisho, Israyeri izoca isubira gukora ibitero buno nyene mu bibanza abarwanyi b’uwo murwi bakoreramwo, muri Libani. (VOANEWS)