Ibihugu Bihurikiye mu Murwi G7 Bishobora Guta muri Yompi Netanyahu

Ibihugu indwi bihurikiye mu murwi witwa G7 ni Amerika, Canada, Ubudagi, Ubufaransa, Ubwongereza, Ubutariyano n’Ubuyapani.

Ibihugu indwi bitunze gusumba ibindi kw’isi, bitangaza ko bizokubahiriza umutahe sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, iheruka gusohora isaba ko umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu atabwa muri yompi.

Ivyo bihugu indwi bihurikiye mu murwi witwa G7 ni Amerika, Canada, Ubudagi, Ubufaransa, Ubwongereza, Ubutariyano n’Ubuyapani.

Kwemera ko bizokubahiriza umutahe w’iyo sentare, bisigura ko ari nka hamwe umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu yohonyoza ikirenge ku butaha bw’ivyo bihugu, bishobora kumuhagarika bikamuta mu mvuto.

Itangazo abashikiranganji bajejwe imigenderanire y’ivyo bihugu basohoye inyuma y’inama yari imaze iminsi ibiri ibahuriza mu micungararo y’ I Roma mu Butariyano, rigira riti: “Tuributsa ishaka dufise ryo kubahiriza amategeko mpuzamakungu. Tuzokora ivyo tubwirijwe.”

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, mu ndwi iheze ni ho yasohora umutahe wo guhagarika Benjamin Netanyahu, imwagiriza ivyaha vy’intambara birimwo ivy’agahomeramunwa na ndengerabutungane.

Isirayeri n’incuti zayo, zirimwo Amerika, ntivyigeze vyishimira uwo mutahe. Amerika ntiri muri CPI. Yagiriza iyo sentare gukora nabi. Kiretse Amerika, ibindi bihugu vyose vyo mu murwi G7 biremera CPI kandi biyirimwo.

Abandi bari ku mutahe wa CPI muri dosiye y’intambara ya Isirayeri muri Palestina, ni Yoav Gallant yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Israyeri na Mohammed Deif yahoze ajejwe ibikorwa vya gisirikare mu murwi wa Hamas. Isirayeri yemeza ko uyu yamwishe mu kwezi kw’indwi, ariko Hamas ntiravyemeza.

Hagati aho, mu gihe uno munsi ku wa kabiri vyari vyitezwe ko inama nshikiranganji yo muri Isirayeri yiga ku masezerano atanga agahengwe k’intambara, bitegekanijwe ko gatangura ejo ku wa gatatu, Isirayeri yagavye ibitero vyinshi vy’indege I Beyerute ku murwa mukuru wa Libani.

Umwe mu bategetsi ba Isirayeri n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Libani n’ayandi makungu, bavuze yamara ko hari icizere cinshi c’uko haboneka amasezerano ashobora gutuma intambara imaze guhitana ibihumbi n’ibihumbagiza vy’abantu ihagarara.