Abategetsi b'abasirikare bayoboye igihugu ca Mali, bagenye umuvugizi wa reta, Abdoulaye Maiga, kuba umushikiranganji wa mbere. Vyabaye umusi umwe inyuma y'uko birukanye muri ayo mabanga Choguel Maiga, yari yanebaguye reta.
Maiga yanebaguye ukugene abategetsi b’abasirikare bayoboye Mali bananiwe gutegura amatora mu kiringo c’amezi 24 cari gitegekanijwe gusubiza igihugu muri demokrasi.
Ivyatangajwe na Maiga vyarashavuje abasirikare bayoboye igihugu. Iyirukanwa rye mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere ribaye mu gihe hari ibimenyetso ko hari ukutumvikana gukomeye hagati y’abanyapolitike, harimwo n’abari bashigikiye mu ntango kudeta hamwe n’abakoranye n’abasirikare bayoboye igihugu.
Maiga, umusivile, yari yagenywe n’abasirikare bayoboye Mali mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere mu mwaka w’i 2021. Ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, yumvikanye ariko avuga ko ata mpari zahabaye muri reta ku vyerekeye kwigizayo amatora mu gihugu, kandi ko yamenye ivyerekeye iyo ngingo asomye ibinyamakuru.
Yabwiye abamenyeshamakuru ko ibintu vyose biriko biba mu mpisho, umushikiranganji wa mbere atabizi. Imbere yaho yari yashigikiye abasirikare bakoze kudeta mu gihe bariko banebagurwa n’ibihugu bibanyi vyo muri Afrika yo mu burengero, hamwe n’amakungu.