Iryinyo ry’inzahabu rya Patrice Lumumba, incungu y’ukwikukira kwa Republika ya Demokarasi ya Kongo ntiryibwe. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri ico gihugu yavyemeje ahumuriza abari bibaza ko ryasahuwe, inyuma y’uko abataramenyekana basambuye intatemwa yiwe iri I Kinshasa ku wa mbere w’ino ndwi.
Jacquemain Shabani atwara ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri Kongo yavuze ko iryinyo rya Lumumba rikingiye cane. Ntiyigeze avuga ikibanza ririmwo. Ibimenyeshamakuru bitandukanye vyo muri Kongo na mpuzamakungu birimwo BBC yavugishije umukobwa wa Lumumba yitwa Juliana Lumumba, bivuga ko amakuru ava mu muryango yemeza ko igihe intatemwa yaterwa, iryinyo rya Lumumba atari yo ryari. Ntibavuze ryari iryo ryinyo ryari ryaravanyweyo n’igituma ritari ririyo.
Umuryango wa Patrice Lumumba wavuze ko ubabajwe n’ivyabaye, wongera usaba amatohoza yihuse kandi yimbitse kugira ababikoze babibazwe. Reta nayo nyene yateye ivyatsi ivyabaye, yongera itangaza ko abantu 6 bakekwa kuba bakoze ico yise “ Ishano Rigayitse” batawe muri yompi, mu gihe hari abandi babiri ikiriko irarondera.
Intatemwa ya Nyakwigendera Lumumba yubatse mu vyuma vya beto. Ibangabanganywe n’umunara muremure uranga umurwa mukuru wa Kongo, Kinshasa. Abamenyeshamakuru bashitse aho iri, bavuze ko abayiteye, bamenaguye umuryango wayo wubatswe mu biyo. Mu gihe mu bisanzwe iyo ntatemwa yagenderwa n’uwuvyipfuza wese, ubu irugaye kandi umutekano wayo wakajijwe cane.
Patrice Lumumba yarondeye intahe y’ukwikukira kwa Kongo yishwe mu 1961 afise imyaka 35. Inyuma y’igandagurwa ryiwe, ikiziga ciwe caturijwe aside, umupolisi w’umubirigi yari ahagarariye ibikorwa vyo kumuzimanganya burundu aja kugumana iryinyo ryiwe ry’inzahabu.
Ububirigi bwasubije Kongo iryo ryinyo mu 2022. Vyafashe imyaka myinshi kugira Kongo imenye ko hari igihimba ca Lumumba casigaye. Vyamenyekanye umwe mu bapoilisi bagize uruhara mw’iyicwa ryiwe atanguye kuvyigamba mu bimenyeshamakuru. Abategetsi b’Ububirigi bahavuye barisanga ku mukobwa w’uwo mu polisi. (AFP)