Kizza Besigye Atavuga Rumwe n'Ubutegetsi bwa Uganda Yatawe mu Mvuto

Kizza Besigye ari mu mvuto mu gisagara ca Kampala

Kizza Besigye, umunyapolitike atavuga rumwewna Reta ya Uganda, yaranyurujwe I Nairobi muri Kenya yongera aratabwa mu mvuto. Umupfasoni wa Besigye, Winnie Byanyima, yatangaje kuri uyu wa gatatu ko umugabo wiwe yanyurujwe igihe yariko aramenyekanisha igitabo ciwe mu mpera z’indwi irangiye. Yavuze ko yajanywe mw’ibohero ry’igisirikare ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala.

Mu butumwa yashize ku rubuga X, umutambukanyi wa Kizza Besigye, Winnie Byanyima, yasavye ko umugabo wiwe arekurwa bidatevye. Yavuze ko umuryango n’abunganira umugabo wiwe basaba kumubona.

Yarabajije igituma umugabo wiwe ari mw’ibohero ry’igisirikare, atari umusirikare. Umwe mu bunganira Besigye yatangaje ko vyari bitegekanijwe ko arenguka muri sentare ya gisirikare mu mpera zo kuri uyu wa gatatu.

Benshi mu bashigikiye Kizza Besigye n’abategetsi bo mu muganbwe wiwe bakoraniye kw’ikambi y’igisirikare yitwa Makindye, ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala, imbere y’uko arenguka muri sentare. Besigye yari amaze guhagarikwa incuro zitari nke imbere y’aho.

Kizza Besigye, umuganga akongera akaba umunyapolitike, yaritoje mu mabanga y’umukuru w’igihugu incuro zine kuva mu mwaka w’i 1986, aho yatsinzwe na Prezida Yoweri Museveni. Yariyamirije ivyavuye mu matora, avuga ko yibwe kandi abaywanyi biwe batewe ubwoba. Yari umuganga wa Prezida Yoweri Museveni, mu myaka y’i 1980, igihe yari akiri umukuru w’abarwanya ubutegetsi.
(AFRICANEWS)