Reta ya Republika ya Demokrasi ya Kongo yatangaje ko abagizi ba nabi bamenaguye intatemwa ya Patrice Lumbumba irimwo iryinyo ry'inzahabu ryiwe.
Patrice Lumumba, ni umunyapolitike yaharaniye ukwikukira kwa Kongo. Yagandaguwe mu mwaka w’i 1961.
Ivy’uko ibisigarira vyiwe, birimwo iryinyo rimwe ry’inzahabu vyononywe canke vyasahuwe ntivyari bitomoye buno nyene. Uwujejwe kwitaho iyo ntatemwa yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’igihugu, ko imiryango y’ibiyo kuri iyo ntatemwa yasambuwe, ku musi wa mbere w’iyi ndwi.
Isandugu irimwo iryinyo ryiwe ry’inzahabu yamenaguwe. Ababikoze ntibari bazwi, nk’uko vyatangajwe kuri uyu wa kabiri n’umushikiranganji ajejwe imico muri Kongo.
Iryinyo ry’inzahabu rya Patrice Lumumba ryatahukanywe muri Kongo, mu mwaka w’i 2022, rivanywe mu Bubiligi, igihugu cahoze gikolonije Kongo. Gutahukana iryo ryinyo vyarahimbajwe mu gihugu cose.
Iryo ryinyo ryaratemberejwe mu gihugu cose kugira abanyagihugu baritere iteka. Iryo ryinyo ryatahukanywe muri Kongo inyuma y’uko umwami w’Ububiligi, Philippe, agendeye Kongo.
Yarerekanye umubabaro ku mabi igihugu ciwe cakoze muri Kongo mu gihe cari kiyikolonije. Iryinyo ry’inzahabu rya Lumbumba ryari rifiswe n’umukuru w’igipolisi w’Umubiligi yayoboye abashize mu bikorwa izimanganywa ry’umubiri wa Patrice Lumumba muri “acide”. Mu mwaka w’i 2016, abategetsi b’Ububiligi barafashe iryo ryinyo ryari rifiswe n’umukobwa w’uwo mupolisi. (AFRICANEWS)