Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yasinye amategeko mashasha atomora ryari igihugu ciwe gishobora gukoresha ubumara ruhonyanganda bwa nikereyeri. Bishasha biri muri ayo mategeko birimwo ko igihugu runaka, gishigikiwe n’igifise ubushobozi bwinshi mu vya nikereyeri, gihirahiye kigatera Uburusiya, buzoca bwivunira hamwe ivyo bihugu bibiri bukoresheje ubwo bumara ruhonyanganda.
Ingingo zitandukanye ziri muri ayo mategeko mashasha y’Uburusiya, zivuga ko Uburusiya bufise uburenganzira bwo gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vya nikereyeri, igihe cose bwivuna ibitero vy’ibibombe bikomeye birasa kure vyitwa “ missiles balistiques,” zaba izo mu kirere, iz’indege z’intambara, iz’itagira abadereva zitwa drone, n’iziraswa n’ibimodoka vy’ingwano.
Ayo mategeko atomora ko igihugu kidafise ibirwanisho vya nikeyeyeri cihenze kigatera Uburusiya gishigikiwe n’igihugu gifise ivyo birwanisho canke cahawe ivyo birwanisho, Uburusiya buzofata ko bwatewe n’ivyo bihugu bibiri.
Uburusiya buvuga kandi ko bufise uburenganzira bwo gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda igihe cose hogira igihugu na kimwe gitera umubanyi waco Berarusiya.
Prezida w’Uburusiya ahinduye amategeko y’igihe igihugu ciwe cemerewe gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vya nikereyeri, umusi umwe gusa inyuma y’aho Prezida Joe Biden asigaje iminsi mike ku butegetsi bwa Amerika, ahaye Ukraine uburenganzira bwo gukoresha misire za Amerika zirasa kure ku butaka bw’Uburusiya.
Amerika yari yaranse ko misire yahaye Ukraine zikoreshwa mu bitero ico gihugu gikora mu Burusiya, kubera Amerika yanka ko intambara iri hagati ya Ukraine n’Uburusiya itandukira ahandi.
Itorororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, ryabajije Dmitry Peskov avugira reta y’Uburusiya nimba Prezida Putin yasubiyemwo amategeko agena ryari Uburusiya bwivuna bukoresheje ubumara ruhonyanganda bwa nikereyeri kubera uruhusha Amerika iheruka guha Ukraine rwo gukoresha misire zayo mu Burusiya. Yishuye mu mvugo ipfobetse avuga ko “isubirwamwo ry’ayo mategeko rije hageze, kandi Prezida Putin yari yaripfuje kuyahindura kugira ajane n’ibihe igihugu ciwe kirimwo”
Dmitry Peskov yavuze kandi ko Uburusiya bwahinduye amategeko agena igihe co gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda birimwo ubumara bwa nikreyeri, kugira bwumvishe abo bwise abansi babwo ko bwiteguriye kwihora igihe cose butewe canke incuti yabwo itewe.
Mu gihe intambara y’Uburusiya na Ukraine yakwije iminsi 1000 kuva itanguye kuri uno wa kabiri, ivyo bihugu uko ari bibiri vyasohoye amatangazo yemeza ko bibwirizwa kubandanya intambara.
Uburusiya bwavuze ko imfashanyo ibihugu vyo mu burengerazuba biha Ukraine ataco ibubwiye, bugira buti: “Izo mfashanyo ntaco zica ku bikorwa vyacu vya gisirikare. Bizobandanya kugera dushitse ku co twipfuza.”
Ukraine nayo iti: “Tuzobandanya kwivuna agasomborotso k’Uburusiya. Ntituzoyihebera. Igisirikare c’Uburusiya kibwirizwa guhanirwa amategeko mpuzamakungu kiriko kirahonyanga.” (VOA NEWS)