Uburusiya, kuri uyu wa mbere, bwahagaritse ingingo y'urwego rwa ONU rujejwe amahoro n'umutekano kw'isi, isaba ihagarikwa bidatevye ry'ingwano muri Sudani.
TIP:Russia vetoed a UN Security Council resolution on Monday calling for an immediate end to hostilities in Sudan where a war between two rival generals has been raging since April 2023.
TEXT: Integuro y’ingingo isaba ihagarikwa bidatevye ry’ ingwano muri Sudani yateguwe n’ibihugu vy’Ubwongereza na Sierra Leone. Isaba impande zompi mu ntambara muri Sudani, guhagarika ingwano bidatevye zigatangura ibiganiro bigenewe guhagarika intambara mu gihugu cose.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubwongereza, David Lammy, inyuma y’uko itora ribaye kuri iyo ngingo, yatangaje ko igihugu kimwe ari co catumye abagize urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi bavuga n’ijwi rimwe bose hamwe.
David Lammy yavuze ko Uurusiya ari umwansi w’amahoro. Yavuze ko ingingo y’ico gihugu ari intambamyi igayitse kandi yerekanye inyifato mbi kama y’ico gihugu. Ibihugu 14 vyarashigikiye ingingo isaba ihagarikwa bidatevye ry’ingwano muri Sudani mu gihe Uburusiya ari bwo bwonyene butayishigikiye.