Tanzaniya: Ibikorwa vyo Kurondera Aboba Barasenyukiwe n'Inyubakwa y'Igorofa 4 Birabandanya

Ibikorwa vyo gutabara ku musi ugira gatatu vyabandanije kuri uyu wa mbere muri Tanzaniya. Ni inyuma y'uko inyubakwa isenyutse igahitana ubuzima bw’abantu 13 ku murwa mukuru w'ubutunzi, Dar es Salaam.

Reta ya Tanzaniya yatangaje ko izobandanya gukora gushika abagifatiwe mu bisigarira vy’iyo nyubakwa yasenyutse batabawe. Igitigiri c’abari muri ivyo bisigarira ntigitomoye. Abantu batari bake batangaje ko batazi irengero ry’incuti zabo bavuga ko zari muri iyo nyubakwa yasenyutse.

Abantu barenga 80 baratabawe muri iyo nyubakwa ifise amagorofa ane. Iyo nyubakwa yarimwo imangazini, yasentutse mu gitondo co ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye ku murwa mukuru w’ubutunzi, Dar es Salaam.

Prezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan, ku musi w’Imana urangiye, yatangaje ko abantu barenga 20 bariko baravurwa, kandi ko reta izoriha amafaranga bizotwara.

Yasavye ko haba isuzumwa ry’inyubakwa zose zo mu gice c’umurwa mukuru w’ubutunzi, Dar es Salaam, citwa Kariakoo, abadandaji bakoreremwo cane. Iki ni igihe c’imvura nyinshi muri Tanzaniya, aho ugusenyuka kw’inyubakwa ari ibintu vyama vyaabye. Inyubakwa zisenyuka ziba kenshi zitakwije ibisabwa n’ amategeko agenga ivy’ukwubaka. (AP)