Umugambwe uri ku Butegetsi muri Senegali Wizeye Intsinzi mu Matora y'Abashingamateka

Muri Sengali, abanyagihugu bazindukiye mu matora y’abashingamateka. Ni amatora ubutegetsi bw’ico gihugu bumaze amezi umunani bwizeye gutahukanamwo ubwiganze kugira bushobore gushira mu ngiro imigambi yabwo vyoroshe.

Abanyagihugu batoye barenga imiriyoni 7. Batora abashingamateka 165 bakomoka mu migambwe n’inani 41 zemerewe guhiganwa muri ayo matora. Abazotorwa bazoba bafise manda y’imyaka itanu.

Mu gihe Senegali ibandanya guhangana n’ikibazo c’ubuzima buzimvye n’ubukene bw’akazi mu bakiri bato, benshi mu batoye bizeye ko abo batoye bazoshobora gutorera umuti ikibazo c’ubukene bw’akazi no guteza imbere ubutunzi. Bipfuza impinduka zifatika.

Prezida Bassirou Diomaye Faye igihe yafata ubutegetsi mu kwezi kwa gatatu, yari yaremeye kwihutisha guteza imbere ubutunzi bw’igihugu, ariko ntivyagenze uko yabishaka. Amatohoza reta iheruka gukorera mu bisata bitandukanye, yerekanye ko amadeni n’igihengeri reta ifise, ari vyinshi gusumba uko reta yahahora yasize ivyerekanye.

Ikigega mpuzamakungu, FMI, kikikemenya ivyavuye muri ayo matohoza, caciye kiba kirabangiriye umugambi wari ufise agaciro ka miriyaridi z’amadorari yababa abiri cari cemeye gukorana na Senegali.

Kugira ubutegetsi bwa Bassirou Diomaye Faye bushobore gushira mu ngiro imigambi bwemereye abanyagihugu, bubwirizwa kuronka ibibanza vyinshi muri aya matora y’abashingamateka.

Umugambwe Pastef uri ku butegetsi, muri aya matora ahanini uhanganye n’urunani rw’imigambwe ibiri itavuga rumwe n’ubutegetsi, irimwo uwitwa APR wa Macky Sall yigeze kuba Prezida wa Senegali. ( REUTERS)