Muri Afrika y'Epfo Abimvyi b'Ubutare Bakomeje Guhera Ikuzimu

Amakuru atangazwa avuga ko abantu baharurwa mu majana bakiri musi y’ubutaka

Muri Afrika y’Epfo, imiryango y’abantu baharurwa mu majana bakiri mu kuzimu aho bari bagiye kwimba ubutare irarindiye kuraba ko abayo baseruka ata nkomanzi.

Abo bimvyi b’ubutare batabifitiye uburenganzira bahanganye n’abapolisi, bahagaritse ibifungurwa hamwe n’amazi bari bagemuriwe kugira ngo babahimirize kuva muri ico gikorwa barimwo co gucukura ubutare.

Igipolisi catangaje ko kandi ko kizoca kibahagarika kuko binjiye muri ico kibanza badafise uruhusha rwo kwimba ubutare.

Abimba ubutare batabifitiye uruhusha bashika 1,000 baranyegurutse, baraheza bishikana imbere y’abapolisi. Ikiziga c’umuntu umwe yaguye musi y’ukuzima, carashikirijwe abategetsi. Amakuru atangazwa avuga ko abandi bantu baharurwa mu majana bakiri musi y’ubutaka.

Gushika ubu, ntibiramenyekana niba abo bantu bakiri muri ico kibanza cuzuyemwo ubutaka cahebwe citwa Stilfontein kiri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, bataravayo kubera badashaka kuvayo, canke niba batabishoboye.

Ubwo butare barondera, buri mu kuzimu ku birometero bibiri. Umupolisi Senzo Mchuru, yagendeye ico kibanza uyu musi ku wa gatanu, yavuze ko abategetsi bagiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo bafashe abo bantu kuva muri ico kibanza.