Muri Senegale, uyu musi wari umusi wa nyuma wo kwiyamamaza mu matora y’abashingamateka, imbere y’uko amatora ategekanijwe ku musi wa mungu aba.
Ibizova muri ayo matora ni vyo bizokwerekana niba prezida w’ico gihugu aherutse gutorwa, ashobora gushira mu ngiro imigambi yishinze yo guhindura ibitari bike muri ico gihugu.
Abanyasenegale bazotora abashingamaeka 165 bagize inama nshingamateka. Muri iki gihe umugambwe wa Prezida Bassirou Diomaye Faye, si wo ufise ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka.
Faye yatowe mu kwezi kwa gatatu, ashira imbere umugambi wo guhindura ibitari bike mu gihugu, avuga ko yananijwe mu migambi yiwe yo guhindura ibintu vyose yari yaremereye abanyagihugu, birimwo kugwanya ruswa, gusubira gusuzuma impusha zihabwa abarovyi bakorera amashirahamwe y’abanyamahanga, hamwe no kuronsa abanyagihugu, ubutunzi buva mu masoko kamere y’ igihugu.
Mu kwezi kw’icenda, Faye yarahagaritse amabanga y’abashingamateka bagwiriyemwo abatavuga rumwe na reta yiwe, kugira ngo hatunganywe amatora mashasha y’abagize inama nshingamateka.
Umugambwe wiwe uhanganye muri ayo matora n’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta ,Takku Walu, urongowe na Prezida Macky Sall yahoze arongoye ico gihugu,