RSF Yamaganye Ibihano Bisabirwa Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza

Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yakorera ikinyamakuru La Nova Burundi, yatawe muri yompi mu kwezi kwa kane 2024

Ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru batagira imbibe, Reporters sans frontières (RSF), ririyamiriza ingingo y’umushikirizamanza muri sentare nkuru y'igihugu ya Mukaza mu Burundi isaba ko umumenyeshamakuru Sandra Muhoza apfungwa imyaka 12, akongera agatanga ihadabu y'umuriyoni mu mafaranga y'amarundi.

RSF ivuga ko igihano umumenyeshamakuru Muhoza asabirwa kiremereye, cuzuye akarenganyo, kitumvikana kandi urubanza rwiwe rushobora guhinduka urwa politike.

Iryo shirahamwe risaba ko umupfasoni Muhoza arekurwa buno nyene, ata kirinze gusabwa.

Muhoza, akorera ikinyamakuru La Nova Burundi, yatawe muri yompi mu kwezi kwa kane kw’uno mwaka. Yagirizwa guhungabanya umutekano no kubiba amacakubiri mu bandi, biciye mu butumwa yanditse ku rubuga rwa WhatsApp, ahuriyemwo n’abandi bamenyeshamakuru.

Ubwo butumwa bwagaruka ku mipanga vyavugwa ko iriko yinjizwa mu Burundi.

Mu nyuma y’ayo makuru yatanguye kuvugwa biciye muri imwe mu maradiyo yugawe mu 2015, impande zitandukanye zirimwo n’imigambwe iri mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi zayabeshuje zivuga ko yari ibihuha.

Mw’itangazo ryasohoye, ishirahamwe RSF ryavuze ko Muhoza atari akwiye kuzira ubutumwa yacishije ku rubuga rutari urw’akazi, kuko ata n’inkuru yigeze akora kuri ivyo vy’imipanga.

Urubanza rwa Sandra Muhoza rwaburanishijwe ku wa kabiri, ubu ruri mu mw’iherero. Ingingo y’abariko bararimbura ibisabwa na sentare nkuru y'igihugu ya Mukaza mu Burundi izomenyekana mu kwezi kwa cumi na kabiri uno mwaka.

Imyaka 12 asabirwa y’igipfungo irimwo cumi y’icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu, n’ibiri yo kubiba amacakubiri mu bantu.

Icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu, Sandra Muhoza yagirizwa, kiri mu vyo mugenzi wiwe Floriane Irangabiye yakorera ikimenyeshamakuru Igicaniro yagirijwe imbere yo guhabwa ikigongwe n’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’umunani kw’uno mwaka.

Irangabiye yarekuwe mu kwezi kw’umunani kw’uno mwaka inyuma y’imyaha yababa ibiri yamaze mu gasho.