Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, HRW, ryagiriza Isirayeri ivyaha vy’intambara na ndengerabutungane.
Icegeranyo iryo shirahamwe rifise icicariro muri Amerika ryasohoye uno munsi ku wa kane, kivuga ko abategetsi ba Isirayeri akatari gake bimuye ku nguvu abasivile, babavana mu vyabo.
Ku bwa HRW, icaha c’intambara iryo shirahamwe ryegeka kuri Isirayeri ntaho gitandukaniye n’icaha co kuzimanganya ubwoko runaka, bw’abanyepalestina baba mu burere Isirayeri ibavanamwo batari bushobore kuzogaruka kuhaba.
Ivuga ko ifise ivyemezo sindamusiga vyerekana ko Isirayeri ibikora nkana nka politike yayo. Muri iyo raporo, HRW iti: “Ibi birikwije kugira bifatwe nk’ivyaha ndengerabutungane.”
Ntaco igisirikare ca Isirayeri canke ubushikiranganji bwayo bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu buravuga ku cegeranyo gishasha ca HRW. Gusa, mu misi yahezse abategetsi b’ico gihugu bireguye bavuga ko ibikorwa vyose vya gisirikare vyaco vyubahiriza amategeko mpuzamakungu.
Amategeko yo mu bihe vy’intambara araziririza kwimura abasivile ku nguvu ubakura mu vyabo, kiretse igihe inzira yo gukoresha inguvu za gisirikare ari yo yonyene iba isigaye kugira igisirikare civune umwansi.
Isirayeri aha ikavuga ko abasivile bose yimuye, yabimuye mu ntumbero yo kubakingira no gushika ku nyungu “zumvikana za gisirikare.”
HRW ibihakana igira iti: “Ni gute Reta ya Isirayeri ivuga ko ibikora ikingira abasivile kandi hari abo yica bari mu nzira bahunga, abandi ikabamijaguramwo amabombe bari mu bibanza yavuze ko vyizewe, abandi ikababera intambamyi yo kuronka amazi, imfungurwa n’ibindi vya nkenerwa?”
HRW isozera raporo yayo iivuga ko bidasubirwako, Isirayeri yabaye intambamyi y’ugutahuka kw’abasivile bateshejwe izabo kandi vyari mu vyo yategerezwa gukora.
Ivuga ko amakuru yose ari muri raporo yayo yayavanye mu biganiro yagiranye n’abasivile bo muri Gaza bateshejwe izabo, amasanamu yafashwe hakoreshejwe satelite, n’ama raporo atandukanye yakozwe kugera mu kwezi kwa munani ko mu 2024.