Biden Ategekanya Gusaba Trump Kutazotererana Ukraine mu Ntambara Irimwo n'Uburusiya

Prezida wa Amerika Joe Biden ku munsi wa gatatu w’indwi iza azokwakira Donald Trump yahoze ari prezida wa Amerika akaba aherutse gutsinda amatora. Ibiro vya Prezida Biden vyatangaje ano makuru bivuga ko uguhura kwa Biden na Trump ari intambwe ya mbere iganisha ku guhanahana ubutegetsi biciye mu mahoro, nkuko Biden yavyemeye.

Umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano mu biro vya prezida wa Amerika, Jake Sullivan, mu kiganiro yagiranye na tereviziyo nyamerika CBS News, yavuze ko Biden na Trump bazogirana ibiganiro ku bibazo nyamukuru bihanze Amerika ku rwego rw’igihugu na politike mpuzamakungu.

Sullivan yavuze ko Biden azoronka akaryo ko gusigurira Trump ku buryo burambuye ibibazo bihanze Uburaya, Aziya n’uburengero bwo hagati y’isi. Ku bwa Sullivan, Prezida Joe Biden ategekanya no kuzosaba Donald Trump kutazotererana Ukraine mu ntambara irimwo n’Uburusiya, niyashika ku butegetsi, akazobananya ayishigikira.

Ibiro vya prezida Amwerika bivuga ko Joe Biden ari we yatumiye Donald Trump. Uwu yigeze gutwara Amerika azorahira nka prezida wa Amerika agira 47 itariki ya 20 y’ukwezi kwa mbere ko mu mwaka uza wa 2025. Ni inyuma y’amatora yastinzemwo visi prezida Kamala Harris.

Hagati aho, ejo ku wa gatandatu, Nancy Pelosi yigeze kuba umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika yavuze ko Prezida Joe Biden ari we yatumye Kamala Harris atsindwa mu matora Donald Trump aheruka kwegukanamwo intsinzi.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru The New York Times, Madamu Pelosi yavuze ko Kamala yari afise amahirwe yo gutsinda iyo Prezida Biden aja gutangaza hakiri kare ko aretse kwiyamamaza.

Pelosi yavuze kandi ko umugambwe w’abademokrate wari witeguye gutanga uwuzobaserukira mu matora, ariko Prezida Biden abiburizamwo kubera ko inyuma y’isaha imwe akimara gutangaza ko atazokwitoza, yaciye avuga ko ashigikiye Kamala Harris.