Uburundi Bwakuyeho Viza ku Bihugu Vyose vyo muri COMESA

Prezida w'Ubrurundi kumwe na mugenzi wiwe wa Zambiya. Aha uwa Zambiya yaha u'Uburundi uburongozi bwa COMESA

Uburundi bwakuyeho Viza ku bipfuza kuja muri ico gihugu basanzwe bava mu bihugu bigize umuryango wa COMESA. Vyashikirijwe n’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu nama igira iya 23 y’uwo muryango yakoraniye ku kirimba c’umukuru w’igihugu i Kiriri mu gisagara ca Bujumbura. Ndayishimiye yateye akamo abakuru b’ibihugu b’uwo muryango kabasa kurwaniriza hamwe imirwi yitwaje ibigwanisho aho iri hose.

Prezida Evariste Ndayishimiye yashikiriye kandi uburungozi bw'uwo muryango COMESA, abisikanye na mugenzi we yari arongoye uwo muryango Hakainde Hichilema, prezida wa Zambiya.

Hakainde Hichilema yabwiye abitavye iyo nama ko uwo muryango ubandanya utera imbere aho ibiharuro vyerekana ko ibishorwa hanze vyavuye ku gaciro k’imiriyaridi 10 bija kuri 14 z’amadoarari mu 2023. Ku bijanye n’igisata c’ingenzi, Hichilema yasavye ibihugu bigize uwo muryango kwitanaho bigakomezanya.

Yagize ati: « Nipfuza kubasaba nyakubahwa mubanze mwiteho umubanyi imbere yuko uja kure yawe. Ni muze tubanze dutezanye imbere. Turafise ubutunzi ntagere mu bihugu vyacu no mu butaka bwacu, ariko ntabwo tubwitayeho ngo twiteze imbere. Turakeneye gushigikirana, gurtyo tuduze ibihugu vyacu. Ndizeye ko uyu mutima uzokwisununura ugatsimbatara, muri uyu muryango wacu wa COMESA ».

Mu majambo yagiye ashikirizwa haba ku bakuru b’ibihugu bishikiye mu nama canke ku baserukiye abakuru b’ibihugu vyabo, bose bagiye bagaruka cane ku kibazo c’umutekano mu karere, ko ari ntangere kugira ngo ivyipfuzo vy’umuryango wa COMESA bije mu ngiro nk’uko bavyipfuza.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu ca Republika ya Demokarasi ya Kongo, Antoine Felix Tchisekedi Tchilombo, yongeye kudoma urutoki igihugu c’u Rwanda nk’isoko ry’umutekano muke mu ntara zo mu buraruko bw’ico gihugu.

Yagize ati: “Ata mahoro nta terambere rirama rishoboka. Republika ya demokrasi ya Kongo yariyemeje biciye mu biganiro vy’amahoro kugarukana umutekano mu ntara zayo z’ubuseruko, zigeramiwe n’intambara y’agasomborotso iriko iterwa n’u Rwanda. Dukeneye gufashanya bikomeye hagati y’ibihugu vy’akarere kugira ngo dukumire imvo n’imvano iyo ari yo yose yo guhungabanya amahoro, hanyuma dushigikire igiteza imbere ubutunzi n’iterambere mu karere”.

Evariste Ndayishimiye, guhera ubu ari we arongoye uwo muryango wa COMESA, avuga ko ataco butazokora mu guteza imbere urudandazwa no kuduza ubutunzi. Ku mutekano muke uza uribonekeza no kurwanya imigwi iteza intambara ahatandukanye, Ndayishimiye yagize ati: "Ugushigikirana hagati y’ibihugu vyacu ni yo nzira ya mbere kugira ngo turengere izo ntambamyi. Abanyekongo baratabaza. Mfate kano kanya rero ndabahamagarire mwese kugarukana umuzirikanyi wo kwunga urunani mu kurwanya imigwi yose igwanira, haba aha hagufi canke kure, iduhungabanya kandi ikatubera n’intambamyi mu kwishira no kwizana mu karere kacu."

Vyinshi mu vyagiye biravugwa cane muri iyi nama y'abakuru b'ibihugu b'umuryango wa Komesa, ni uko igisata c'uburimyi coshirwa imbere kandi kigatezwa imbere biboneka. Nk’uko vyavuzwe n'umukuru w'igihugu ça Madagascar Andy Rajoelina: « umukuru w'igihugu nyawe ni uwushobora kugaburira abanyagihugu biwe ».

Kwitwararika ingenzi n'ibijanye n'ubutare, ni izindi nguvu uwo muryango ufise zituma mu gihe igihugu cose citunganije neza, uwo muryango ushika ku ntumbero zawo. Prezida w'Uburundi yavuze ko akuyeho inzitizi yotuma uwushaka kuza mu Burundi ari mu muryango wa COMESA, bitamworohera.

Yagize ati:“Mu kwiyemeza gushigikira kwishira no kwizana hamwe no gukuraho inzitizi zifatiye ku kwishira n’ukwizana kw’abantu n’ibidandazwa, kuva uyu munsi Uburundi ntibuzokwaka Viza uwo wese azoba ashaka kuza mu Burundi ava mu bihugu biri mu muryango wa COMESA”.

Kuva uno musi, umuryango wa COMESA uramutswa indongozi nshasha. Evariste Ndayishimiye ni we mukuru wawo, Prezida wa Kenya William Ruto akaba icegera ciwe na yo Hakainde Hichilema, Prezida wa Zambiya akagira gatatu nk’uwahora arongoye uwo muryango. Abakuru b’ibihugu batanu : uwa Kongo, Kenya, Zambiya, Etiyopiya, na Madagascar ni bo bitavye iyo nama igira 23 ya COMESA. Akaryo kabaye ako guhimbaza imyaka 30 iheze uwo muryango uvutse.