Mozambike: Polisi Yahanganye n'Abiyerekana Biyamiriza Ivyavuye mu Matora

Igipolisi muri Mozambike, kuri uyu wa mbere, cahanganye n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bari mu myiyerekano inyuma y'amatora babona ko yabayemwo amahinyu.

Igipolisi ca Mozambike, kuri uyu wa mbere, carashe imyuka ibabaza mu masoko n’insoro ku bari mu myiyerekano ku murwa mukuru, Maputo. Bari bakoraniye aho abategetsi 2 b’umugambwe utavuga rumwe na reta biciwe barashwe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije.

Adriano Nuvunga, ayoboye ishirahamwe riharanira demokrasi n’agateka ka muntu yavuze ko abamenyeshamakuru babiri bakomeretse bikomeye inyuma y’uko barashwe n’igipolisi.

Vyitezwe ko ivya nyuma bivuye mu matora yabaye kw’itariki icenda y’uku kwezi kw’icumi bimenyekana muri iyi ndwi. Ibiharuro vya mbere vy’ivyavuye mu matora vyerekana ko umugambwe uri ku butegetsi, Frelimo, ari wo uzotahira intinzi. Yamara abatavuga rumwe na reta bavuga ko amatora yibwe.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora amu gihugu waranse kugira ico uvuze ku vyagirizo vy’uko amatora yaranzwe n’ubusuma. Indorerezi z’amatora zikorera muri Amerika zatangaje ko amatora atakwije ibisabwa biranga demokrasi. (REUTERS)