Moldaviya Yipfuza Kwinjira mu Muryango w'Ubuumwe bwa Buraya

Prezida wa Moldaviya, Maia Sandu, kuri uyu wa mbere, yahayagije intsinzi ya referandumu yerekanye ko igihugu ciwe gishaka kuja mw'ishirahamwe ry'ibihugu vy'Ubulaya.

Prezida Maia Sandu yahayagije kandi intsinzi y’abari ku ruhande rwiwe mu ncuro ya mbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yabereye icarimwe n’iyo referandumu. Yatangaje ko rutari urugamba rworoshe kubera hari abagerageje kugeramira bikomeye demokrasi mu gihugu ciwe.

Referandumu ishigikira ukuja kwa Moldaviya mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya yarenganye n’amajwi arenga gatoyi ubusa ibice 50 kw’ijana, muri ico gihugu gihana urubibe na Ukraine yasinzikaijwe n’ingwano.

Prezida Sandu yatangaje ko demokrasis mu gihugu ciwe yageramiwe bikomeye n’imirwi y’inkozi z’ikibi yakoranye n’abanyamahanga barwanya inyungu z’igihugu ciwe. Yavuze ko Uburusiya bwabigizemwo uruhara rukomeye. Yamara ico gihugu camusavye kwerekana ivyemezo ko bwivanze mu matora yabaye ku musi w’Imana muri Moldaviya.
Maia Sandu, afise imyaka 52 muri iki gihe, akaba prezida wa mbere w’umupfasoni muri Moldaviya, azohiganwa mu ncuro ya kabiri na Alexander Stoianoglo, umunyapolitike ashigikiwe n’abashira imbere inyungu z’Uburusiya. Abitegereza ibintu n’ibindi muri politike bavuze ko rutazoba ari urugamba rworoshe kuri Prezida Sandu. (AP)