Kenya: Rigathi Aheruka Gukomborwa nka Visi Prezida Yemeza ko Umutekano Wiwe Ugeramiwe

Rigathi Gachagua aheruka gukomborwa mu mabanga ya visi prezida wa Kenya avuga ko umutekano wiwe ubangamiwe.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru akiva mu bitaro yari amazemwo iminsi kwivuza “Ububabare bwo mu gikiriza”, Rigathi yavuze ko ubutegetsi yahoramwo bwamatse abahora bamukingira umutekano, bamwe mu bakorera mu biro vyiwe nabo barahagarikwa mu kazi.

Rigathi Gachagua muri ico kiganiro yavuze ko ico azoba cose kizokwegekwa kuri Prezida William Ruto. Mu majambo yiwe yagize ati: “ Yarirengagije ivyo yasabwe n’ubutungane, anyaka abacungera umutekano wanje gihutihuti. Nihagira ikinshikira canke kigashikira umuryango wanje, bizoja ku gatwe ka Prezida William Ruto.”

Rigathi Gachagua muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru yabandanije kuvuga ko akatari gake muri kahise, hari abashatse kumwica. Yise Prezida Ruto umuntu “mubi cane, w’inzigo kandi yibagira n’ingonga uwamukoreye ivyiza”, agira ati: “ Ndababazwa n’ingene umuntu nafashije kugira abe prezida, nizeye, ashobora kunkorera ikibi.”

Prezida Ruto ntaco aravugira ku mugaragaro ku bijanye n’ikomborwa rya Rigathi Gachagua yigeze kuba somambike wiwe, akaba yaranamuhesheje amajwi yatumye atorwa nka Prezida wa Kenya.

Inama nkenguzamateka na nshingamateka za Kenya ziheruka gutora zemeza ko Gachagua yovanwa mu mabanga ya visi prezida. Abakenguzamateka bavuga ko mu vyaha 11 yagirizwa, basanze 5 ari vyo bimwagira

Naho atashoboye kuja kwisigura mu nama nkenguzamateka kubera yari mu bitaro yinjiyemwo hasigaye amasaha make ngo urubanza rwiwe rutangure, ivyaha vyose yagirizwa abihakana avuga ko yahemukiwe n’abamurementanyiriza kugira bamukure ku butegetsi.

Amaze gukomborwa, Prezida wa Kenya yaciye agena umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Kithure Kindiki, kugira amusubirire, ariko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro nayo mu nyuma itegeka ko igenwa ryiwe riba rirabangiriye.

Umurwi w’abacamanza washizweho na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro uzotangura kurimbura ivy’ino dosiye ku wa kabiri. (AFP)