Ikibazo c'Abarundikazi Badandazwa muri Tanzaniya Cimonogoje

Benshi bahendeshwa amahera

Mu Burundi, abakobwa bashorwa mu rudandazwa rw’abantu mu gihugu ca Tanzaniya, aho bajanwa kurongorwa ku nguvu n’abo batazi.

Bamwe mu batanga ubuhamya y’ivyabashikiye, bemeza ko inyuma y’amaronko bahendeshwa kuzobamwo bageze muri ico gihugu, abo bigeme bajanwa ata kibaranga na kimwe bafise: Ivyo biraheza bigatuma bahohoterwa, bakanapfungwa, iyo bafashwe n’inzego zijejwe umutekano muri Tanzaniya.

Mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu batera akamo Abarundi kwirinda ababahenda, bakabajana mu vyo batazi kandi, batanafise ibibaranga.

Abo Barundikazi bakurwa mu mihana iwabo mu masaha y’ijoro buriko buraca. Ababagura babacisha mu nzira badashobora kumenya, kugira ntihagire uwotoroka asubire inyuma.

Bimwe mu vyo bahendeshwa nk’amaronko bakiri mu nzira ni impuzu bagurirwa n’uwubatwaye, ibituma bataronka uko bahakana kubandanya urugendo kuko batoronka ivyo basubiza.

Kuzoba mu buzima bwiza bwo kugendera mu miduga, ku makinga no kuryama ku matera, babihendeshwa nk’ubuzima bwa kazoza.

Prosper Budunya, ni umuvyeyi wo muri komine Kayogoro, yatwawe abana biwe babiri haraheze imyaka ibiri. Ntiyamenye uko bagiye n’ababajanye. Mu gashavu kenshi n’agahinda k’abana biwe, arengerwa n’ukubona udoma urutoki ku wuri muri urwo rudandazwa ariko ntahanwe.

Ndengeje David, umuyobozi ajejwe iterambere ry’ingo n’ikibano mu ntara ya Makamba, aremeza ko urwo rudandazwa rw’abigeme barubona yisunze abirukanwa bafatiwe i Tanzaniya. Usanga bava mu miryango itifashe n’iyo abavyeyi batabanye neza.

Mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu bavuga ko bagerageza gukorana n’igihugu ca Tanzaniya biciye mu migwi y’ivyo bihugu ikwirikirana ibibazo vy’abantu bafatwa muri izo nzira, bafashanije n’igisata ca ONU kijejwe ingenzi OIM, abo bantu batagira ivyangombwa bagatahukanwa.

Abana b’abigeme bajanwa mu rudandazwa rwo kuja kurongorwa mu gihugu ca Tanzaniya, abenshi bava mu ntara zihana urubibe n’ico gihugu ca Tanzaniya, nka Rumonge, Makamba, Rutana, Ruyigi, Cankuzo na Muyinga.

Your browser doesn’t support HTML5

Ikibazo c'Abarundikazi Badandazwa muri Tanzaniya Cimonogoje